Abantu 26 baraye bishwe muri komine Buganda mu Burundi

Ubutegetsi bw'u Burundi buvuga ko abantu 26 baraye bapfuye inyuma y'igitero cakozwe n'abantu bavuye mu gihugu ca Repubulika iharanira Demokarasi ca Congo.
Umushikiranganji ajejwe umutekano w'igihugu Alain Guillaume Bunyoni yavuze ko abantu 24 aribo biciwe ku musozi wa Ruhagarika mu ntara ya Cibitoki hafi y'umupaka wa Congo.
Yabandanije avuga ko bandi babiri bapfiriye mu bitaro, ndetse ko hari n'indwi bakomeretse bajanywe kuvurigwa mu bitaro vy'i Bujumbura.
Umushikiranganji Bunyoni yavuze ko abateye mw'ijoro ryo kuwa gatanu yise "umugwi w'iterabwoba" ko bahungiye muri Congo, ariko ko bagiye gukurikiranwa.
Kino gitero kibaye mu gihe hategekanijwe amatora kamarampaka yo kwemeza ibwirizwa shingiro risubiwemwo ku munsi wa kane, mu gihe ryokwemezwa Prezida Pierre Nkurunziza agatogwa mu 2020, agashobora kuguma ku butegetsi gushika mu 2034.
Imigwi itavuga rumwe n'ubutegetsi yari imaze iminsi isaba abanyagihugu kutaja muri ayo matora kamarampaka, iyindi ibahimiririza gutora oya.
Imiryango y'ibihugu vya Afrika na Buraya imaze iminsi ishikirije amakenga ku gushaka guhindura iryo bwirizwa shingiro, ivuga ko u Burundi bushobora gusubira inyuma bugatakaza ico bwari bwungukiye mu biganiro vya Arusha no muri iryo bwirizwa.











