Abapolisi b'i Toronto, Canada, barashimirwa nyuma y'igitero

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umushikiranganji wa mbere wa Canada, Justin Trudeau, yakeje abapolisi ku kuntu bavyifashemwo nyuma y'igitero c'umugabo yahuriye imodoka ku banyamaguru akica cumi.
Uwo akekwa, vyavuzwe ko ari umusore w'imyaka mirongo ibiri n'itanu yitwa Alek Minassian, yafashwe ata rusoro na rumwe rurekuwe.
Video y'ukuntu yafashwe imwerekana atumbereza ikintu gisa n'inkoho ku mupolisi asemerera ati "nyica".
Ariko uwo mupolisi yaranse kurekura urusoro mu nyuma aza gushobora kumugondoza amufata ata gukirana kuhabaye.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Minassian yatwaye imodoka anyaruka, aza arakata amakorosi mu kibanza abanyamaguru bagiramwo, agenda uburebure bushika ku kirometero.
Abantu bashika cumi na batanu nibo bivugwa ko bariko baravurwa ibikomere.






