Hahindutse iki muri leta y'u Burundi nyuma y'ivugururwa?

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru w'igihugu c'u Burundi, Pierre Nkurunziza, yaraye akoze ivugururwa rya leta yiwe hagira ibihunduka, ariko benshi mu bashikiranganji bagumye aho bahora.
Vyakozwe mw'itegeko ry'umukuru w'igihugu nimero 100/037 ry'itariki 19 z'uku kwa kane, riza rihindura irindi tegeko nimero 100/29 ryo kuwa 18 z'ukw'icenda 2015.
Igitigiri c'ubushikirangaji cavuye ku bushikiranganji mirongo ibiri kija ku bushikiranganji mirongo ibiri na bumwe.
Ibikuru vyahindutse ni ibi:
- Ubushikiranganji bw'ubutunzi n'amafaranga y'igihugu nibwo bugiye kuramutswa ugufashanya hamwe n'iterambere. Ugufashanya kwahora mu bushikiranganji bw'imigenderanire n'amakungu.
- Ubushikiranganji bw'indero busubiye gutunganywa kubiri nk'uko bwari imbere y'umwaka 2015. Indero n'Inyigisho mu mashure y'intango n'ayisumbuye vyashinzwe umushikiranganji Janviere Ndirahisha.
- Gaspard Banyankimbona yanabaye umuyobozi wa kaminuza ya leta ajejwe inyigisho muri za kaminuza n'ubushakashatsi.
- Ubushikiranganji bw'urwaruka, imico be n'inkino bwatunganijwe ukundi: urwaruka rugiye hamwe n'ivy'amaposita, bishingwa umushikiranganji Evelyne Butoyi yari umukenguzamateka.
- Umushikiranganji Pelate Niyonkuru yahora ajejwe ubudandaji n'amahinguriro, aramutswa ubw'imico kama n'inkino.
Ubw'intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano no gukinga impanuka, ubw'ubutunzi hamwe n'ubushikiranganji bw'ubutungane, buri mu butahinduye ababurongoye.

Ahavuye isanamu, Getty Images
N'ukuvuga ko icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu agiye kugenzura ubushikiranganji 8, icegera ca kabiri c'umukuru w'igihugu nawe, ubushikiranganji 11.
Abashikiranganji 4 nibo basubirijwe
- Celestin Ndayizeye yari umushikiranganji w'amazi, ibidukikije no gutunganya ubutaka. Uyu yaramaze umwaka, akaba yari yasubiriye Emmanuel Niyonkuru yagandaguwe mw'ijoro ry'ubunani 2016.
- Muganga Josiane Nijimbere yari umushikiranganji w'amagara y'abantu asubirijwe n'uwari umuvugizi w'ubwo bushikiranganji.
- Nestor Bankumukunzi yari umushikiranganji wo kumenyesha amakuru, asize integuro y'ibwirizwa rishasha ryo kumenyesha amakuru, yari yamye gusigurira abashingamateka ejo nyene.
- Ambassadeur Alain Aime Nyamitwe yasubirijwe na Ambassadeur Ezechiel Nibigira mu bushikiranganji bw'imigenderanire y'u Burundi n'amakungu.

Ahavuye isanamu, Ezechiel Nibigira
Ezechiel Nibigira yararongoye urwaruka rw'imbonerakure rw'umugambwe CNDD-FDD, arongora n'urwego rwa Douane, mu nyuma ashingwa amabanga y'uguserukira u Burundi mu gihugu ca Kenya.
Muvy'imigenderanire y'u Burundi n'amakungu, muri iyi myaka itatu iheze, hari abemeza ko u Burundi bwiyambitse umutamana mu kwikukira, abandi bakabona ko imigenderanire yatitutse.










