Penaliti ya Ronaldo ishikanye Real mu gice ca kabiri

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igitsindo ca penaliti Cristiano Ronaldo yinjije mu minota ya nyuma yatumye umugwi wa Real Madrid ushika mu gice ca kabiri inyuma yo kwikiza umugwi wa Juventus bigoranye.
Ronaldo yinjije iyo penaliti ku munota wa 97, inyuma yaho umukinyi Medhi Benatia ategeye Lucas Vazquez imbere y'umunyezamu.
Umunyezamu wa Juve, Gianluigi Buffon yaciye asohogwa n'umuhagarikizi Michael Olivier yigenjeje nabi.
Umugwi wa Real umaze gutwara igikombe ca Champions League incuro zitatu mu mahiganwa ane akurikirana, waje mu rukino rwa kabiri utekeye ibitsindo 3-0 vyo mu rukino rwa mbere.
Umugwi Juventus, uwa mbere mw'ihiganwa Seria A ryo mu Butaliyano, warashoboye kugaruza ivyo bitsindo, munyuma uja gukugwa mw'ihiganwa ku munota wa nyuma.
Real ihambije imigwi ya Liverpool, Roma na Bayern Munich igiye mu gice ca kabiri, kizokinigwa i Nyon mu Buswisi ku munsi wa Gatanu.






