Real Madrid yinjiye igice ca kane ca Champions League

Cristiano Ronaldo yinjije incuro 15 mu nkino icenda ziherutse za Real Madrid

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Cristiano Ronaldo yinjije incuro 15 mu nkino icenda ziherutse za Real Madrid

Umugwi uheruka gutwara igikombe ca Champions League Real Madrid winjiye mu gice ca kane c'iryo higanwa inyuma yo gutsinda Paris St-Germain (PSG) ibitsindo 2-1.

Cristiano Ronaldo yinjije ibitsindo bibiri mu rukino rwa mbere Real yatsinzemwo 3-1, munyuma yinjiza igitsindo c'umutwe mu rukino rwa kabiri.

Hagataho umukinyi wo hagati wa PSG Marco Verratti yarasohowe inyuma y'amakosa abiri mu rukino rwo ku munsi wa kabiri.

Umukinyi Casemiro niwe yahavuye yinjiza igitsindo kigira kabiri ca Real, uwo mugwi uba urashikiriye irembo ry'igice ca kane.

Bubaye ubwa kabiri umugwi wa PSG uri imbere amanota 14 mw'ihiganwa rya Ligue 1, ukugwamwo wagira winjire mu gice ca kane, ivyo bigatuma kazoza k'umumenyereza kaja muri kabaza.

Real yinjiye mu gice ca kane incuro y'umunani, ikaba irondera gutwara igikombe ubwa gatatu yikurikiranya.