Daniels avuga ko yatewe ubwoba ngo ntavuge ko yagendanye na Trump

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukinyi wa "pornographie", Stormy Daniels avuga ko yatewe ubwoba ngo ntihagire ico avuga ku bivugwa ko yaranguranye imibonano mpuzabitsina na Donald Trump.
Mu kiganiro ca televiziyo na CBS, Madamu Daniels avuga ko yemeye uwo mubonano mpuzabitsina, inyuma yaho Bwana Trump amuhereye ikibanza mu kiganiro ca televiziyo, "The Apprentice".
Munyuma yaciye agira ubwoba ku mutekano w'umuryango wiwe, inyuma yaho agizweko iterabwoba.
Igihe kimwe, umugabo atazi ngo yaramwegereye muri parking ngo amusaba kuva iruhande ya Trump, avuga ko vyoba bibi cane hagize ikimushikiye.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Prezida Trump arahakana ko yagendanye n'uwo mugore, uwumwunganira mu vy'amategeko nawe akavuga ko atigeze amugirako iterabwoba.
(Muri kino gihe avuga ko amasezerano yo kutagira ico avuga uwunganira Trump mu vy'amategeko avuga ko yamuhembeye $130000, ko ata gaciro afise mu gihe atayashizeko umukono.)






