Trump arahakana ko yagendanye na Stormy Daniels

Stormy Daniels avuga ko yagendanye na Trump kuva mu 2006

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Stormy Daniels avuga ko yagendanye na Trump kuva mu 2006

Ababuranira Prezida Donald Trump basaba kurihwa imiliyoni $20 y'agashumbusho n'umukinyi wa "pornographie" atubahirije amasezerano yapfunditswe imbere y'amatora yo mu 2016.

Bitwaza ko Stormy Daniels yarenze amasezerano niburiburi incuro 20.

Uwo mugore akina mu gisata c'abakora imibonano mpuzabitsina icishwa ku mbuga ngurukanabumenyi, avuga ko yatanguye kugendana na Bwana Trump mu 2006, kandi ko bamaranye amezi menshi.

Uwunganira Prezida mu rubanza, Michael Cohen, yavuze ko yamurishe $130000 mu mahera yiwe, ngo ntamene ibanga.

Ni ubwa mbere Prezida Trump aja mu rubanza, akaba we ahakana ko bagendanye n'uwo mugore.

Uwuburanira Stormy Daniels, yitwa mu bisanzwe Stephanie Clifford, yashingishije urubanza rwiyamiriza ivy'ayo masezerano yo kutamena ibanga.

Michael Avenatti avuga ko urubanza rwashingishijwe n'ababuranira Prezida ataho rwari bwaboneke, ko ari ugushaka gutera ubwoba umukiriya wiwe.

Abashingishije urwo rubanza ngo bipfuza ko ruva muri sentare y'intara, rukajanwa mu y'igihugu cose.

Tweet ya Avenatti

Ahavuye isanamu, TWITTER

Insiguro y'isanamu, Tweet ya Avenatti

Madamu Clifford avuga ko amasezerano yo mu 2016 ata gaciro afise, mu gihe Bwana Trump atayashizeko umukono.

Yatanguye kuvuga ko yaryamanye na Bwana Trump mu 2011, mu kiganiro n'ikigo InTouch.

Ayo makuru yamenyekanye mu ntango y'uno mwaka, igihe amakuru avugiye ko yarishwe amahera ngo avuge ingene bagendanye na Trump mu matora yo mu 2016.

Bivugwa ko Michael Cohen yarondeye ikigo kiriha Stormy Daniels $130000 mu kwezi kwa cumi 2016

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Bivugwa ko Michael Cohen yarondeye ikigo kiriha Stormy Daniels $130000 mu kwezi kwa cumi 2016

Bwana Cohen aremera ko yamurishe $130000, ariko ngo yaba Bwana Trump canke ikigo arongoye, ngo nta wagiye mu guhererekana ayo mahera.

Kwungururiza urwo rubanza muri sentare y'igihugu ngo bizofasha kwibagiza urwo rubanza - niko uwuburanira Madamu Clifford yavuze ku buryo bwa Twitter.

Tweet ya Avenatti

Ahavuye isanamu, TWITTER

Insiguro y'isanamu, Tweet ya Avenatti

Bwana Avenatti yavuze ku munsi wa gatanu ko uwo mukinyi wa "pornographie" amaze kugigwako iterabwoba, ariko ntiyatanga insiguro zirambuye.