Ibintu 7 vyatumye Vladimir Putin aba umutegetsi akomeye cane mu Burusiya

Ahavuye isanamu, Getty Images
Prezida Vladimir Putin asa n'uwamaze kwemeza abarusiya ko ata wundi mutegetsi Uburusiya bukeneye atariwe kandi ko atawomusubirira nkuko bivugwa n'icegera ciwe, Vladimiri Ostrovenko ati "habuze Putin, habura n'Uburusiya". Yashitse aho gute? Kuva ku mukozi w'ikigo c'iperereza KGB, Putin yaduze gute gushikaho akomera ukuraho?
Mu kinjana ca 21, igihugu gifise umuntu umwe gusa w'ijunja.
Putin yabaye umushikiranganji wa mbere (1999), umukuru w'igihugu (2000-2008), umushikiranganji wa mbere kandi (2008-2012), ahindura ibwirizwa shingiro kugira yongere ikiringo c'umukuru w'igihugu kuva ku myaka ine gushika ku myaka itandatu, munyuma asubira ku butegetsi mu 2012.
Ni umwe mu ndongozi z'Uburusiya zabaye ku butegetsi igihe kirekire, kandi bishobora kuguma ukwo gushika mu 2024, mu gihe vyose vyerekana ko ashobora gutogwa ku munsi wa Mungu.
Muri BBC Mundo barasigura ibintu bikurubikuru vyatumye Putin aduga ningoga muri Politike, aho bamwe basigaye bamwita umu "Tsar" mushasha w'Uburusiya.
1. Ishaka rinini cane
Vladimir Putin yarezwe ari kumwe n'abahungu bavukana babiri mu nzu isanzwe, babana n'iyindi miryango ibiri mu gisagara ca Leningrad (ubu St. Petersburg), inyuma y'igihe c'ingwano.
Yabanye mu cumba kimwe n'abavyeyi biwe gushika ku myaka 25.
Mu Burusiya, bavuga ko babaho mu bukene, bakabura n'ico badya, ariko ngo bamye bafise ishaka ryo kwiteza imbere.
Akiri muto, Putin yize ivy'amategeko kuri kaminuza ya St. Petersburg, aronka urukaratasi rw'umutsindo mu 1975, yinjira muri KGB , intambwe ya mbere izomushikana muri Kremlin.

Ahavuye isanamu, ALEXANDER NEMENOV
2. Umukuru w'igihugu ku gitangaro
Itariki 31, Ukwezi kwa 12 mu 1999, Prezida Boris Yeltsin, muri ico gihe aba aragwaye, aca amenyesha ko atanze imihoho.
Akoresheje ubwenge, Putin yaza yamaze kwipanga kumusubirira ka Prezida mfatakibanza, aca atogwa mu matora yo mu kwezi kwa gatatu 2000.
Abanyemari bari bamaze kwifatira ubutunzi bw'igihugu bitewe n'inagura ryari ryakozwe na Prezida Mikhail Gorbachev muco bise "Perestroika", bari bazi ko Putin atazobananira kugenzura, ariko ukwo iminsi yagenda, niko basanze barihenze.

Ahavuye isanamu, Getty Images
3. Kugenzura itangazamakuru
Uwurongora igisata ca BBC yo mu rurimi rw'ikirusiya, Famil Ismailov, yibutsa ko igihe Putin yatangura kugenzura itangazamakuru amaze amezi make agiye ku butegetsi, vyatangaje abanyemari hamwe n'abandi bagenzura Kremlin.
Kuva ico gihe, leta yaragenzura amakuru ashikirizwa nko ku bijanye n'ingwano yo muri Chechnya, ayo guhayagiza ubutegetsi n'umukuru w'igihugu akagwizwa, "abansi b'igihugu" bagashigwa ahabona.
Ibigo vy'itangazamakuru vyatanguye kuhagirira ingorane ni ikigo ca televiziyo NTV ya Gusinsky, mu 2000.
Cakurikiranwa n'abantu imiliyoni 100, kigashika mu bice 70% vy'igihugu c'Uburusiya.
Muri kino gihe hari ibigo vya televiziyo 3000 mu gihugu, ariko vyinshi murivyo ntibitanga amakuru ya politike, biyatanze naho, abanza gusuzumwa na leta.
Itangazamakuru ataho ryegamiye risigaye rikoregwa ku mbuga ngurukanabumenyi gusa.

Ahavuye isanamu, Getty Images
4. Ingwano ku batunzi b'abanyepolitike
Vladimir Gusinsky si we wenyene Putin yagwanije.
Munyuma yarataye mu mvuto n'abandi, nk'umugwizatunga yarafise amashirahamwe menshi, Boris Berezovsky (2000), hamwe na nyene Yukos, Mikhail Khodorkovsky (2003).
Bose yabagiriza ukunyuruza amahera y'igihugu, bagafungwa canke bakomokera mu mahanga.
Khodorkovsky yahungiye mu Buswisi mu 2013, umwaka Berezovsky yatowe yapfiriye mu nzu iwe mu gihugu c'Ubwongereza mu buryo butumvikana.
Mw'isinema ya BBC, bivugwa ko ubutunzi n'ivyashara vy'abagwizatunga bomowe, vyafatwa n'abagenzi ba Putin.

Ahavuye isanamu, Getty Images
5. "Uburusiya bwawe ni ubwanje"
Abakurikiranira hafi ivya politike ku rwego mpuzamakungu, bavuga ko Putin yakoze ukwo ashoboye kwose mu gutuma isura y'Uburusiya ihinduka yishimikije ugukundisha igihugu yikoze ku gisirikare no kubanyamadini.
Iciyumviro ciwe ni gukomeza igihugu c'Uburusiya mu banyagihugu, kuva Kaliningrad gushika Vladivostok, ku buryo abatwagwa bumva ko bishimiye ico bari n'ivyo basangiye.
Putin ni kandi umuntu akomeye yegeranye n'uburongozi bwa gisirikare, hamwe n'ishengero ry'aba Orthodoxe, rikebura abanyagihugu, ibi bikaba vyatumye abanyagihugu bamukunda.
Uburusiya buboneka nk'igihugu c'inguvu nyinshi, kirongowe n'umugabo w'inguvu, atanyiganzwa n'amakungu.

Ahavuye isanamu, Getty Images
6. Ukugenzura intwaro ya demokarasi
Iyo politike ngo yatumye Prezida Putin agenzura vyoroshe aboshaka kugumuka, niko Prof Samuel Greene arongoye ishuli "Russian Institute" kuri King's College i Londres avuga.
Iruhande yo kugenzura itangazamakuru, agenzura intwaro ishingiye kuri demokarasi mu kwitunganiriza amashirahamwe ategamiye leta, mu gutunganya imigwi yinjira mu vya politike kugira ngo ntihavuke iyigwanya ubutegetsi, niko Greene avuga.
Bwana Greene avuga ko Putin akoresha amanama y'umugambwe, aho yereka abanyamugambwe amahiganwa bajamwo n'ayo batajamwo, ibibazo bajana canke batajana mu myiyamamazo, uburyo bashobora canke badashobora guhigamwo amahera.
Ivyo ngo bituma umugambwe uguma uyoboka ubutegetsi bwa Kremlin.

Ahavuye isanamu, Getty Images
7. Kutaja mu ngwano yo guhangana
Ubwo buryo nibwo Uburusiya bwagiye burakoresha muri ino myaka irangiye muri Ukraine (2014) no muri Syria.
Mu ngwano ya mbere Uburusiya buvuga ko ari "gukingira inyungu z'abarusiya" ku butaka bwa Ukraine, mu ya kabiri naho ngo ni gufasha igihugu ca Syria nkuko vyasabwe na Prezida Bashar al-Assad agwanya imigwi y'inyeshamba niy'aba Jihadistes.
Abahinga mu vya gisirikare bavuga ko Uburusiya budafise inguvu zo guhangana na Amerika hamwe n'ibihugu vyo mu mugwi wa OTAN, kurivyo ico gihugu ngo ntigishora kuja mu ngwano yo guhangana.










