Korea Yepfo isaba ko Korea ya Ruguru igumizwako ibihano

Moon Jae-in amaze gutogwa kurongora igihugu

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Moon Jae-in amaze gutogwa kurongora igihugu

Prezida wa Korea Yepfo, Moon Jae-in yavuze ko ibihano vyashizwe kuri Korea ya Ruguru bizogumaho, naho imigenderanire y'ibihugu ukwo ari bibiri ishobora gutera imbere.

Bwana Moon yavuze ko hakiri kare ko umuntu yizera ibiriko biraba.

Indongozi ya Korea ya Ruguru, Kim Jong-un, yavuze ko yovavanura n'ibigwanisho ruhonyanganda -- igihe igihugu ciwe ataco coba kicinona mu vy'umutekano.

Intumwa za Korea Yepfo zizoja i Washington mu mpara z'ino ndwi, aho zizohereza Donald Trump ubutumwa bwa Bwana Kim.

Uwo mukuru w'igihugu yavuze ko kubona Kim Jong-un yipfuza ibiganiro ko ari intambwe nziza -- ariko agabisha ku vyizigiro vy'ibinyoma.