Ingwano yabujije abagiraneza kwinjira muri Ghouta

Ahavuye isanamu, AFP
Amakamyo ya mbere ashiriye imfashanyo abanyagihugu ntashobora gushika mu karere k'ubuseruko bwa Ghouta muri Syria nkuko vyari bitegekanijwe uno munsi kubera ingwano.
Amakamyo 40 niyo yari yitezwe i Douma, igisagara gikuru co muri ako karere.
Bwari kuba bubaye ubwa mbere abanyagihugu ibihumbi amajana baronse imfashanyo, inyuma yaho Uburusiya butegetse mu ndwi iheze ko ingwano iza irahagarara amasaha atanu ku munsi.
Amakuru ava mu buseruko bwa Ghouta avuga ko hari abantu bariko barahunga bitewe n'ingwano y'inteko zishigikiwe n'ubutegetsi bwa Syria, ziguma zigarurira uduce mu ngwano ikomeye yatanguye kuwa gatandatu.






