Ububirigi buregwa gutererana Abatutsi kuri Eto muri 1994

Abasirikare b'Ububirigi baje kwibuka ababo biciwe mu Rwanda muri 1994

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abasirikare b'Ububirigi baregwa gutererana Abatutsi bahigwaga

I Buruseli hatangiye urubanza rw'ubujirere ruregwamo leta y'Ububiligi gutererana Abatutsi bari bahungiye mu ishuri rya Eto i Kigali muri jenoside yo muri 1994.

Abanyamategeko bunganira abarega bavuga ko ingabo z'Ububiligi zitatabaye abahigwaga bari mu kaga ko kwicwa muri jenoside mu 1994.

Barasaba impozamarira agera ku bihumbi ijana by'ama Euro.

Umva aho munsi ikiganiro BBC yagiranye na Maitre Philippe Lardinois, wunganira umwe mu barega, Prudent Nsengiyumva akaba yatangiye amubaza icyabaye mu rukiko uyu munsi.

Insiguro y'amajwi, Maitre Philippe Lardinois, wunganira umwe mu barega, yavuganye na BBC