Nyuma y'igihe havugwa inzara, mu Kirundo ubu ngo vyifashe neza

Umudamu ariko aranika ibiharage vyiwe
Insiguro y'isanamu, Umwimbu wifashe neza mu ntara ya Kirundo, ahantu inzara yahora yomora abantu

Intara ya Kirundo mu buraruko bw'u Burundi ubu ngo irangwamwo ivyo kurya bikwiye, mu gihe mu minsi yaheze inzara yaratuma hagira n'abomoka.

Iyo ntara ikunze kubamwo inzara ivuye kw'ibura ry'imvura, uyu mwaka ifise umwimbu mwinshi cane ku buryo nk'ibiciro vy'ibifungurwa bimwe bimwe vyagabanutse cane rwose.

Kubera ko abanyagihugu bakunze guca babishora, mu mwaka ukurikira bagaca bicwa na kigoyi, harafashwe ingingo zitandukanye harimwo kubabikira uwo mwimbu mu bigega rusangi hamwe no kudapfa kubishora mu kaguriro.

Insiguro ya video, Cyriaque Muhawenayo yarishikiye mu Kirundo kuraba uko bavyifashemwo

Ariko n'aho uwo mwimbu ari mwinshi, kenshi na kenshi iyo umwimbu ubonetse gutyo, bamwe mu banyagihugu barakunda kuwumarira mw'isoko, budakeye kabiri bagaterwa na kigoyi.

Abajejwe intwaro ubu ico kibazo baracicariye, abanyagihugu bose bakaba bahimirizwa kuwubika mu bigega rusangi vyubatswe mu mazone yose ari mu ntara ya Kirundo.

Ikigega c'ibifungurwa mu Kirundo
Insiguro y'isanamu, Abanyagihugu bahirimizwa kubika umwimbu wabo mu bigega rusangi

Umuhanuzi wa Buramatari ajejwe ubutunzi n'iterambere, Mutabazi Alain Tribert, avuga ko bamaze kuvyijukira, mbere bakaba bamaze kubitsa amatoni atari make.