Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Miguna Miguna yomorewe muri Canada
Umunyapolitike w'umunyamategeko atavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Kenya , Miguna Miguna yasubijwe muri Canada n'ubutegetsi ku nguvu inyuma yaho yagirijwe guhemukira igihugu yarahije kizigenza w'imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi Raila Odinga.
Bwana Miguna afise ubwenegihugu bwo muri Canada iyo yaje ava amazeyo igihe kirekire, yurijwe indege ku wa kabiri mw'ijoro igiye muri Canada ibanje guca Amsterdam.
Yagirizwa kuba yagiye mu birori vy'irahira rya kizigenza w'imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi, Raila Odinga, yirahije ka Prezida w'abanyagihugu.
Ka munyamategeko, Miguna yoba yashize umukono ku rwandiko yarahiriyeko.
Umucamanza wa sentare yari yategetse ko Bwana Miguna arekugwa yigomboje amahera, ariko ntivyubahirizwa.
Imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi ivuga ko igiye kwitwarira leta mu kuba itubahirije ingingo ya sentare.