Trump 'yagire yirukane uwujejwe amatohoza ku Burusiya'

Two side-by-side pictures of US President Donald Trump and former FBI Director Robert Mueller, special counsel on the Russian investigation

Ahavuye isanamu, AFP/Getty

Insiguro y'isanamu, Robert Mueller (i buryo) ni we ajejwe amatohoza ku bivugwa ko Uburusiya bwvanze mu matora ya Amerika

Prezida Trump yisubiyeko kuri iyo ngingo igihe uwumuserukira imbere y'amategeko mu biro vy'umukuru w'igihugu amugabishirije ko aca atanga imihoho.

Umujenama mu biro vy'umukuru w'igihugu Donald McGahn avuga ko iyo yirukanwa vyari kugira "ingaruka mbi cane" ku mabanga ya prezida, ni ko ikinyamakuru the New York Times candika.

Mueller arongoye akanama kajejwe amatohoza yo kwihweza nimba abajejwe imyiyamamazo ya Trump barakoranye n'Uburusiya kugira batsinde amatora.

Bwaba Uburusiya canke Trump, bose barabihakana.

Mueller yahize arongoye ibiro vy'iperereza vya FBI yagenywe muri ayo mabanga mu kwezi kwa gatanu kw'umwaka uheze kugira akore ayo matohoza.

Yagenywe muri ayo mabanga inyuma y'aho Trump yirukaniiye umukuru wa FBI James Comey, avuga ko mu kiganiro yatanze, ko ari kubera "ivyerekeye Uburusiya".

Don McGahn, lawyer and Trump advisor, pictured on the street in New York

Ahavuye isanamu, Drew Angerer/Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umujenama mu biro vy'umukuru w'igihugu Don McGahn bivugwa ko yagabishije prezida kw'iyirukanwa rya Robert Mueller

Mueller kandi ariko arihweza kandi nimba iyirukanwa ryiwe ritari rifise intumbero yo kwivanga mu gikorwa c'ubutungane.

Ubu Trump ari mu nama y'ibihugu bitunze kw'isi (World Eoconomic Forum) mu gisagara ca Davos mu Buswisse, aho vyitezwe ko aza gushikiriza ijambo.