Umukuru w'igihugu yahaye abarwayi imiti ya SIDA idakora

Ahavuye isanamu, EPA
Uwahoze ari umukuru w'igihugu ca Gambia, Yahya Jammeh, amaze umwaka avuye muri ico gihugu nyuma yo kumara imyaka mirongo ibiri ku butegetsi, yagirijwe ivyaha vyinshi.
Ariko igitangaje muri ivyo vyaha vyose ni kuba yarategetse ibihumbi vy'abantu bafise umugera wa SIDA, kwivuza bakoreshe uruvange rw'imiti y'ivyatsi wenyene yikoreye.
Nk'umuntu wa mbere muri Gambia yemanze ku mugaragaro ko afise umugera wa SIDA, Lamin Ceesay yibajije ko akoze ikintu ciza.
Hari mu mwaka w'2000, igihe ukutamenya indwara ya SIDA vyari bigwiriye muri Afrika, kandi abayirwaye bakanenwa, bagaharirwa ivomo.
Ku munsi mpuzamakungu wo kurwanya SIDA muri uwo mwaka, Ceesay yararinze atangaza ko arwaye, aja mu rugendo rwari rwatunganijwe n'ishirahamwe rifasha abarwaye iyo ndwara.
Vyatumye abaharanira amagara kw'isi hose bamukeza. Ariko haciye imyaka mike, vyanatumye umukuru w'igihugu ca Gambia, Yahya Jammey, nawe aca amuzako.
Mu ntango z'umwaka w'2007, Jammeh yatangaje ko yatoye umuti w'igitangaza uvura indwara ya SIDA, akoresheje uruvange rw'imiti y'ivyatsi hamwe n'amasengesho.
Ikinatangaje kurusha ni uko yavuze ko uwo muti ukora ku minsi ya kane n'iyambere gusa.
Ntibitangaje ko abajejwe amagara kw'isi bavyiyamirije, mu kuvuga ko ari igikorwa kigayitse kizobangamira amagara y'abantu.
Ariko muri Gambia ubwaho, kuvuga ko umukuru w'igihugu yavuze ibitagira epfo na ruguru vyari gutuma uca upfungwa.
Rero iguhe ubutumire bwashika ku kigo c'ubugiraneza ca Ceesay, bumusaba gutanga abantu cumi bogirwako ubuvuzi n'umukuru w'igihugu bumara amezi atandatu, yavuze ko ari ubutumire adashobora kwanka.

Yahize ati: "Niyumviriye kurungika abandi bantu, ariko nca ntinya ko nintajayo jewe nyene bishobora kunkwegera ingorane.
"Naribajije kandi nti bitwaye iki? Nta kabi bishobora gukwega."
Ariko rero niho Ceesay yihendeye. Ashitse ku bitaro bibayabaye vy'umukuru w'igihugu ku kirimba ciwe, niho yabwirwa amategeko agenga ubwo buvuzi.
Nta kunywa itabi, nta kunywa icayi canke ikawa. Nta gukora imibonano mpuzagitsina. Kandi igihambaye, nta gufata imiti isanzwe - harimwo iyipfupfahaza umugera wa SIDA yahawe n'umuganga wiwe.
Ariko ntiyari agishobora gusubira inyuma. Abacungera Jammeh bitwaje inkoho bari ku miryango y'ibitaro.
Bavuze ko mu mezi atandatu akurikira, ata murwayi azokwemererwa gusohoka ata ruhusha.
Ubuvizi rero bwaciye butangura. Buri gitondo umukuru w'igihugu yabasiga umuti usa n'icatsi ku mibiri, ariko arasoma ibisabisho vyo muri Koran.
Hanyuma kabiri ku munsi, banywa ikinyobwa kiri mw'icupa gikozwe n'ivyatsi vy'umuhondo.
Jammeh yaranse kuvuga ikiri muri uwo muti, naho yari yabwiwe ko nimba koko yaratoye umuti uvura SIDA ashobora guhindura Gambia igihugu gikize cane mu minsi mike.

Ahavuye isanamu, EPA
Ivyo arivyo vyose, uwo muti watumye Ceesay aguma acibwamwo. Yananduye igituntu agikuye ku wundi murwayi, bimuviramwo kuremba bituma bamusubiza ku bitaro bisanzwe.
Ibipimo vyerekanye ko umugera wa SISA wiyongereye mu mubiri, aca asubizwa ku miti ipfupfahaza.
Ceesay yari mu bagize amahirwe. Umugore wiwe, nawe yari afise umugera wa SIDA, yasize ubuzima muri ubwo muvuzi - co kimwe, nk'uko abivuga, na benshi mu bandi barwayi bari kumwe.
Agira ati: "Nk'umuntu w'umurongozi mu bagendana umugera wa SIDA, nama ku maziko."
Ariko iyo siyo sura yashirwa imbere na Prezida Jammeh, yahimiriza abarwayi kuja kuri television ya Gambia ngo baririmbe ukuntu umugambi ugenda neza.
Muribo harimwo Ousma Sowe, yari afise impamyabushobozi mu vy'amagara y'abantu yaronkeye kuri Kaminuza y'i Leeds mu Bwongereza.
Mu gushaka guha agaciro uwo mugambi, Jammeh yahaye akazi Sowe ko kuba umuvugizi, kugira arwanye amakenga y'abanyamakuru b'abanyamahanga.
Igihe kimwe, Sowe yabariye umunyamakuru wa BBC ko "yizera 100%" ubwo buvuzi. Mu bisanzwe guheba imiti yiwe ipfupfahaza vyamuciye intege ku buryo atashobora no kwurira ingazi.
Agira ati: "Nk'umuntu yaciye mw'ishure narinzi ko ata buvuzi burimwo. Ariko sinashobora kubwiyamiriza naho abantu bariko barapfa."

Sowe hamwe na bagenzi biwe ubu bakorana na Aids-Free World, ikigo co muri Amerika gishaka ko Jammeh yagirizwa ivyaha kubera uwo mugambi wiwe.
Kivuga ko gishobora kuba ari co gikorwa gikomeye kibangamira ikiremwa muntu cakozwe n'ubutegetsi bwiwe.
Vyongeye kandi, bihushanye n'amabohero yiwe yo mw'ibanga hamwe n'ibibanza vyo gukubaguriramwo abantu, vyabaye isi yose iraba. Ariko Jammeh ntiyashaka ko hagira uwumugenzura.
Umuyobozi wa ONU mu vy'amagara yagerageje kugira ico abaza, yaciye yirukanwa muri Gambia bidatevye.
Mu mpera, abantu bashika ku bihumbi icenda nibo vyibazwa ko bagiye muri ubwo buvuzi, ariko mu gihe Jammeh yagira ibanga inyandiko z'ibitaro vyiwe, ntawurashobora kumenya abapfuye uko bangana.
Ariko ubu hari ikintu kitagiraririrwako - igitangaro ku buvuzi bwiwe n'ukuba hari abashoboye kuburokoka.










