Trump aragabisha guhagarika imfashanyo igenewe Palestine

Ahavuye isanamu, Reuters
Amerika ishobora guhagarika amahera agenewe abanye Palestine ubu "batagikeneye ibiganiro vy'amahoro", nk'uko prezida Trump yabivuze.
Kuri Twitter, Trump yavuze ko Amerika itaronka "icubahiro bikwiranye" kuri iyo mfashanyo itangwa.
Yavuze kandi ko ingingo itashimwe na bose yo kwemera Jerusalem nk'umugwa mukuru wa Israel yatumye haba ugucanamwo ku vyerekeye ibiganiro bishasha vy'amahoro.
Palestine yavuze ko iyo ngingo yerekanye ko Amerika idashobora kubaja hagati.
Inyuma y'aho Amerika imenyeshereje iyo ngingo mu kwezi kwa cumi na kabiri, prezida wa Palestine Mahmoud Abbas yavuze adashobora kwemera umugambi uwo ari wo wose w'amahoro wo mu burasirazuba bwo hagati ushikirijwe na Amerika.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Iyo ngingo ku gisagara ca Jerusalem kandi yariyamirijwe na Onu, aho ibihugu 128 vyatoye kwiyamiriza ishirwa mu ngiro ry'ivyo Trump yemeye igihe yariko ariyamamaza.
Ivyo Trump yabishikirije inyuma yo kugira ico avuze ku mfashanyo igenerwa Pakistan, aho yavuze ko Amerika yaronse "ububeshi n'ubwiyorobetsi" ku miriyaridi n'imiriyaridi y'imfashanyo babaha.










