Palestine ishobora guhagarika ubucuti na Amerika kubera iyugarwa ry'ibiro vyayo

Ahavuye isanamu, AFP/Getty
Umuhari wa PLO (Palestine Liberation Organisation) wagabishije ko uzohagarika imigenderanire na Amerika mu gihe yoshira mu bikorwa ingingo yo kwugara ibiro vy'uwo muhari i Washington.
Kuri video yashizwe kuri twitter, umunyamabanga mukuru w'uwo muhari, Gen Saeb Erekat yavuze ko iyo ngingo "atawoyihanganira".
Abategetsi ba Amerika bavuga ko PLO woba uriko urarenga ku mategeko mu gukorera muri Amerika.
Itegeko rya Amerika rivuga ko abategetsi ba Palestine bategerezwa kudahamagarira sentare mpuzamakungu mpanavyaha kugira amatohoza kuri Israel.
Umuhari PLO, ubonwa n'amakungu nk'uwuserukira abanye palestine bose, wuguruye ibiro muri Amerika mu 1994.
Ni ubwa mbere Amerika yanse guha uruhusha uwo muhari rwo gukorera muri ico gihugu, rusanzwe rumara amazi atandatu.










