Uganda: Museveni ashobora kwongera kwitoza?

Perezida Museveni

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Perezida Yoweri Museveni yagiye ku butegetsi kuva 1986

Inama nshingamateka ya Uganda yatanguye kwiga itegeko ridahurizwako na bose, rikuraho imyaka umukandida ateregezwa kuba atarenza kugirango ashobore kwitoza nk'umukuru w'igihugu.

Itegeko rikuraho imyaka ntarengwa umu kandida aba afise imbere yo kwitoza nk'umukuru w'igihugu, hamwe ryokwemezwa n'inama nshingamateka ya Uganda, perezida Yoweri Museveni yoba yemerewe kwongera kwitoza ku ncuro ya gatandatu.

Abanyamakuru bavuga ko yoba ari inzira kuri perezida Muzeveni yo kuguma ku butegetsi ubuzima bwiwe bwose.

Ibikorwa vy'inama nshingametka vy'uno munsi bikwikiriranwa kuri tereviziyo.

Umukuru w'inama nshingamateka yari yagabishije abashingamateka ko batohirahira ngo basubire kuburagiza igikorwa c'urwo rwego, ababwira ko uwuza gutera umudugararo aza guca ahagarikwa.

Abashigikiye umukuru w'igihugu bavuga ko, itegeko rihari ryashinze urugero ntarengwa rw'imyaka 75, rivangura, ariko hari abemeza ko Abanyangihugu benshi badashigikiye iryo hinduka.