Magufuli ngo ababajwe cane n'abasirikare biciwe muri Kongo

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru w'igihugu ca Tanzania, John Magufuli, yavuze ko yaguye mu gahundwe anababazwa cane n'iyicwa ry'abasirikare ba Tanzania 15 bari baharariye amahoro.
Abo basirikare bari muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo, guhagararira amahoro mu rwego rw'umugwi wa ONU, MONUSCO.
Bose bivugwa ko bishwe n'abarwanyi b'umugwi wa ki Islam w'abanye Uganda.
Abasirikare batanu ba Kongo nabo barishwe, abarenga mirongo itanu barakomereka.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, yavuze ko ubwo bwicanyi ari icaha co mu ntambara.
Nibo basirikare benshi ba ONU bahararariye amahore bamaze kwicirwa rimwe mu bihe vya vuba.
Andi makuru kuri Tanzania:






