Tanzania yaturiye inkoko zivuye muri Kenya

Ahavuye isanamu, AFP
Inkoko ziharugwa mu 6400 zari izinjijwe muri Tanzania zaturiwe n'abategetsi bo mu bushikiranganji bujejwe ibitungwa, inyuma yo gufatirwa ku mupaka wa Mananga.
Umugwizatunga Mary Matai, yari yaranguye izo nkoko ziciye amadorari ibihumbi bitanu, azikura muri Kenya, yitegereje n'agahinda kenshi igihe izo nkoko zaturigwa arorera.
Guturira izo nkoko ngo kwakozwe mu ntumbero yo kurinda ikwiragizwa ry'akamangu nk'inyoni.
Tanzania imaze imyaka icumi yarabujije kwinjiza inkoko ziturutse mu mahanga kuva hadutse ikiza c'akamangu k'inyoni.
Ico kiza caradutse muri Uganda muntngo z'uyu mwaka, gituma inyoni zo mw'ishamba n'izindi zitunzwe mu ngo zoiharugwa mu bihumbi zipfa.






