Sandrine Nininahazwe ni we mupfasoni wa mbere mwiza avyibushe mu Burundi

Ilanga Shombo arongoye ishirahamwe « Chic madame" i bubamfu, na Sandrine Nininahazwe yabaye uwa mbere mu bapfasoni bavyibushe i buryo
Insiguro y'isanamu, Ilanga Shombo arongoye ishirahamwe « Chic madame" i bubamfu, na Sandrine Nininahazwe yabaye uwa mbere mu bapfasoni bavyibushe i buryo

Woba warumaze kubona ihiganwa ry'umwigeme canke umugore wa mbere mwiza kandi mu nini cane ?

Abatari bake bamenyereye kubona amahiganwa y'umwigeme mwiza bita Miss Burundi kenshi uwo nawe akaba aba ari muto muto.

Kuri uyu gatanu ishirahamwe « Chic Madame » ryaratunganije igikorwa co guhitamwo abigeme n'abakenyezi beza kandi bavyibushe cane bazoja guserukira Uburundi mw'ihiganwa ry'akarere k'ibiyaga binini mu kwezi kwa 12.

Iryo higanwa rizobera i Bukavu muri Repubulika iharanira demokarasi ya Congo.

Abarundikazi batanu bakaba aribo batowe.

Sandrine Nininahazwe, umupfasoni w'imyaka 32 ni we yabaye uwa mbere muri iryo higanwa.

Uwo mupfasoni afise w'abana 2 akaba afise ibiro 110.

Abitavye ihiganwa bari bafise ibiro birenga 90 bakabazwa n'ibindi bibazo vy'ubwenge

Ahavuye isanamu, Sandrine Nininahazwe

Insiguro y'isanamu, Abitavye ihiganwa bari bafise ibiro birenga 90 bakabazwa n'ibindi bibazo vy'ubwenge

Avuga ko kenshi muri aka karere abakenyezi n'abigeme bafise ibiro vyinshi bafatwa ukutari ko.

« Ibi biri muvyatumye nitaba iri higanwa kuko kenshi iyo umukobwa canke umugore avyibushe cane mu kibano baramukengera bakanashaka kumwumvisha ko ivyo biro ari intambanyi ku buzima bwiwe », nikwo Sandrine Nininahazwe asigura.

« Jewe nariyakiriye kandi ndanabinezererewe cane, ndagira sport, ndi umupfasoni akurikirana ibiro vyiwe kandi ata ntambanyi mbona bishobora kuntera ku bwenge bwanje canke amagara yanje » , nikwo abandanya avuga.

Muri 10 bahiganywe, batanu nibo batowe kugira bazoserukire uburundi.

Jenifa Nkurunziza, umwe mu batunganije ico gikorwa.
Insiguro y'isanamu, Jenifa Nkurunziza, umwe mu batunganije ico gikorwa.

Jenifa Nkurunziza ni umwe mu batunganije ico gikorwa.

« Twabanza tukaraba yuko umugore canke umukobwa ashikana ibiro 90 hama tugaca turaba ubwiza tukongera tukaraba ingene ashikiriza ivyiyumviro.

Turaraba kandi n'ingene yiyemera kuko abagore benshi n'abakobwa banini cane usanga batikunda », nikwo Jenifer avuga.

Igice ca nyuma c'ihiganwa « Chic madama » kizobera i Bukavu muri Repubulika iharanira demokarasi ya kongo.

Ahavuye isanamu, Sandrine Nininahazwe

Insiguro y'isanamu, Igice ca nyuma c'ihiganwa « Chic madama » kizobera i Bukavu muri Repubulika iharanira demokarasi ya kongo.

Ilanga Shombo arongoye ishirahamwe « Chic madame" amenyesha ko iri higanwa ryatunganijwe kugira batere intege abapfasoni n'abakobwa banini cane.

« Kenshi abantu nk'aba usanga mu kibano babita amazina atabereye. Nk'iwacu muri Kongo babita yamado canke Fuso, Fuso ni izina ry'imodoka, umukenyezi ntakwiye kwitwa gurtyo. Aha mu Burundi mubita ki bunene. Ivyo vyose ni ibintu bituma bikumira mu kibano mbere bigatuma badatera imbere », nikwo Ilanga asigura.

Igice ca nyuma c'ihiganwa « Chic madama » kizobera i Bukavu muri Repubulika iharanira demokarasi ya kongo.

Abapfasoni batanu bavyibushe babaye aba mbere mu bwiza bazoserukira Uburundi mw'ihiganwa rizobera i Bukavu itariki 28 z'ukwezi ka 12 mu 2017

Ahavuye isanamu, Sandrine Nininahazwe

Insiguro y'isanamu, Abapfasoni batanu bavyibushe babaye aba mbere mu bwiza bazoserukira Uburundi mw'ihiganwa rizobera i Bukavu itariki 28 z'ukwezi ka 12 mu 2017

Ibihugu vy'Uburundi, Urwanda na Congo bizoserukirwa n'abagime canke abapfasoni batanu batanu.

Hazotorwamwo umwe wa mbere akazoba afise ivyegera bibiri.

Ihiganwa chique madame nubwa mbere ribaye mu Burundi.