Impanuka ya gariyamoshi yahitanye 33 muri DR Congo

Amakuru ava muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo avuga ko impanuka ya gariyamoshi yahitanye abantu mirongo itatu na batatu.
Iryo sanganya ryabereye ahitwa Buyofwe mu ntara ya Lualaba, mu bumanuko bw'igihugu.
Radiyo Okapi ikorera mu buseruko bwa Kongo ivuga ko iyo gariyamoshi yatse umuriro imaze guta ibarabara.
Amakuru aca hirya no hino avuga ko yari itwaye imizigo irimwo ibidandazwa bishobora gufatwa n'ingoga n'umuriro.
Iyo gariyamoshi yari ivuye Lubumbashi, igisagara ca kabiri kinini, igenda Luena ku birometero 2000 uvuye ku mugwa mukuru Kinshasa.
Umukuru w'intara Richard Muyej yabwiye BBC ko hari impanuka yabaye ariko ntiyashobora kwemeza ko hari abantu bapfuye.






