Raila Odinga ntazokwitaba amatora ya prezida muri Kenya

Raila Odinga ntazokwitaba amatora ya prezida muri Kenya

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Raila Odinga ntazokwitaba amatora ya prezida muri Kenya

Raila Odinga avuga ko ashaka ko haba amatora mashasha hakurikijwe ivyasabwe na sentare ntahinyuzwa.

Odinga avuga ko ashaka amatora mashasha hakurikijwe ivyasabwe na sentare ntahinyuzwa.

Ayo matora yo kuwa 26 azoba ari ayo gusubiramwo ayabaye mu kwezi kw'umunani, inyuma y'aho sentare ntahinyuzwa muri Kenya ifutiye ivyari vyayavuyemwo.

Odinga avuga ko avuye muri ayo matora kugira ahe akaryo akanama kajejwe gutegura amatora IEBC umwanya ukwiye wo guhindura ibikenewe kugira ayo matora azobe meza.

Abo mu runani rutavuga rumwe na leta ya Kenya, NASA, bakikuje uwubarongoye, Raila Odinga
Insiguro y'isanamu, Abo mu runani rutavuga rumwe na leta ya Kenya, NASA, bakikuje uwubarongoye, Raila Odinga

Akanama kajejwe gutegura amatora kari katangaje ko prezida Uhuru Kenyatta ari we yatsinze amatora.

IEBC yari yavuze ko Uhuru Kenyatta yari yatsinze amatora y'umukuru w'igihugu aronse amajwi imiliyoni 14.