Korea ya Ruguru: Trump na Kim bitanye abasazi

Ahavuye isanamu, EPA
Kim Jong-un yavuze ko amajambo y'"umuntu yataye umutwe" ya Prezida wa US, Donald Trump, yatumye abandanya gukorera Korea ya Ruguru ibigwanisho ruhonyanganda.
Mw'itangazo ritari bwigere riboneka, Bwana Kim yavuze ko Bwana Trump azokwishura ku majambo yashikirije muri Onu akangisha ko "azosambura burundu" Korea ya Ruguru ni vyaba ngombwa ko Amerika yigwanira.
Bwana Trump nawe yavuze ko "uwo musazi...azogeragezwa mu buryo butari bwaboneke".
Ivyo bihugu ukwo ari bibiri bimaze igihe biterana amajambo muri ano mezi aheze.
Bwana Kim aheza itangazo ryiwe avuga ko "azoruhuka anumishije umuriro uwo mugabo agwaye mu mutwe wa Amerika".
Kuri iyo ngwano y'amajambo, Ubushinwa bwagabishije buvuga ko aho bigeze bigoye kandi bikomeye.
"Impande zose zikwiye kwigumya hagusotorana," niko umushikiranganji w'imigenderanire n'amakungu Lu Kang yavuze.
Uburusiya na bwo nyene bwasavye ivyo bihugu kwigumya.
Umuvugizi wa Kremlin, Dmitry Peskov yavuze ko Moscou "ihangayikishijwe n'urwo ruhagarara rwiyongeye".










