Intare yonsa umwana w'ingwe muri Tanzania

Simba apatikana akimnyonyesha mwana wa Chui Tanzania

Ahavuye isanamu, JOOP VAN DER LINDE/NDUTU LODGE

Insiguro y'isanamu, Intare yonsa umwana w'ingwe muri Tanzania

Izi foto ni iza mbere zibonetse intare yonsa umwana w'ingwe, kikaba ari ikintu kidasanzwe.

Ivyo bikoko vyabonywe na Joop Van Der Linde yari mu nzu y'ingenzi ya Ndutu safari Lodge mu gihugu ca Tanzanzi mu karere k'uruhongore kama rwa Ngorongoro.

Intare Nasikitok iriko ironsa umwana w'ingwe mw'ishamba rya Ngorongoro
Insiguro y'isanamu, Intare Nasikitok iriko ironsa umwana w'ingwe mw'ishamba rya Ngorongoro

Ako karere n'aka Serengeti. Iyo ntare yahawe izina rya Nosikitok ikaba ifise imyaka itanu.

Iyo ntare igendana mw'izosi icuma cerekana aho igeze ca GPS, ikaba ifise abana batatu bavutse hagati y'itariki 27-28 ukwezi kwa gatandatu.

Dr Hunter avuga ko Nosikitok ifise ibibunda bito bifise imyaka ingana n'iyo uwo mwana w'ingwe, bifise hagati y'indwi zibiri canke zitatu
Insiguro y'isanamu, Dr Hunter avuga ko Nosikitok ifise ibibunda bito bifise imyaka ingana n'iyo uwo mwana w'ingwe, bifise hagati y'indwi zibiri canke zitatu

Dr Luke Hunter, umukuru w'abishinze gukingira ingwe, ishirahamwe rikomeye ryo kworora ibikoko vyo mu bwoko bw'inyabu yabwiye BBC ko ivyashitse bitangaje.

Iyo ntare ya ku kilometero kimwe uvuye ahari hari ibibunda vyayo, aho yahura n'uwo mwana w'ingwe

Ahavuye isanamu, JOOP VAN DER LINDE/NDUTU LODGE

Insiguro y'isanamu, Iyo ntare ya ku kilometero kimwe uvuye ahari hari ibibunda vyayo, aho yahura n'uwo mwana w'ingwe

Ico nari nzi n'uko intare ishobora kwonsa no kurera ivyana vy'iyindi ntare...ibi biratandukanye cane.

Nta na hamwe nari bwabone mu miryango y'ibikoko aho kimwe mu bikoko consa umwana w'ikindi co mu bundi bwoko.

Intare nyinshi z'ingore zikunze kwica ivyana vy'intare iyo bihuye, kandi birabana ribi kubera intambara y'ivyo zirya.

Dr Luke Hunter yavuze ko Nosikitok ifise ivyana bingana n'iyo ngwe , bifise hagati y'indwi zibiri canke zitatu.

Icana c'ingwe kibana n'intare

Ahavuye isanamu, JOOP VAN DER LINDE/NDUTU LODGE

Insiguro y'isanamu, Icana c'ingwe kibana n'intare

Iyo ntare ya ku kilometero kimwe uvuye ahari hari ibibunda vyayo, aho yahura n'uwo mwana w'ingwe

Yafashe ico cana irakirera iranagikingira igitero ico ari co cose.