Zahinduye imirisho muri CAF

Ahavuye isanamu, AFP
Abarongoye amashirahamwe 54 ari mu rwego rugenzura umupira w'amaguru ku mugabane wa Afrika -CAF- batoye Ahmad ngo arurongore CAF mu matora yabereye i Addis-Abeba, umugwa mukuru wa Ethiopiya.
Ahmad ufite imyaka 57, akomoka muri Madagascar, ntazwi cane mu gisata c'umupira w'amaguru.
Umunya Cameroun Issa Hayatou niwe yari arongoye CAF kuva mu 1988.
Ahmad abaye uwa gatandatu arongoye urwo rwego kuva rushinzwe haraheze imyaka 60.
Hayatou, yaramaze imyaka 29 ku butegetsi, yahora atogwa atawumugwanije.






