Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Itegeko ribuza kwambara burkini ryakuweko mu Bufaransa
Sentare ntahinyuzwa y'ubutegetsi mu Bufaransa yakuyeko itegeko ribuza kwambara impuzu yo kwogana ipfuka hose, izwi kw'izina rya burkini.
Iyo mpuzu ikunzwe cane n'abagore b'Abaislamkazi basanzwe n'ubundi babwirizwa kwikwiza, iyo sentare ikaba yavuze ko kuyibuza ari kwaka abantu uburenganzira bwabo ntayegayezwa.
Iyo ngingo y'iyo sentare iraba umuji umwe wa Villeneuve Loubet, ariko birashoboka ko iryo tegeko rifutwa kandi mu bindi bice bishika hafi mirongo itatu.
Ingingo y'iyo sentare yashimwe cane n'Abaislam benshi hamwe n'abaharanira agateka ka muntu, bari bashavujwe n'ibuzwa ry'uwo mwambaro.
Ariko abakuru b'ibisagara bashika kuri batatu baramaze kuvuga ko bazokwirengagiza iyo ngingo ya sentare.