Kenya: Icegera c'umukuru w'igihugu Ruto yasavye imbabazi prezida Kenyatta

Prezida Uhuru Kenyatta n'icegera ciwe William Ruto

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ruto (i buryo) na Kenyatta (i bubamfu) barashize hamwe mu 2013 bituma batsinda amatora kabiri - ariko mu nyuma baza kudacana uwaka

Icegera c'umukuru wa Kenya William Ruto yasavye imbabazi umukuru w'igihugu Uhuru Kenyatta batabandanije gucana uwaka inyuma y'amatora yo mu 2018.

Kuba Ruto na Kenyatta batacumvikana vyageze ahantu bija ku mugaragraro.

Umukuru w'igihugu ntashigikiye Ruto mu kwitoza ngo amusubirire mu matora azoba mu kwezi kwa Myandagaro (8), ahubwo yahisemwo gushigikira uwutavuga rumwe n'ubutegetsi Raila Odinga.

Ruto ivyo yabivuze mw'ikoraniro ry'igisabisho ngarukamwaka categuwe n'inama nshingamateka - prezida Kenyatta akaba yari yacitavye.

Icegera c'umukuru w'igihugu yavugiye imbere y'abari aho, asaba abanya-Kenya ikigongwe ku ho reta itakoze neza - hanyuma yita Kenyatta ''umugenzi wiwe mwiza''.

Yavuze ati: ''Ndazi kandi ko mu mabanga y'icegera c'umukuru w'igihugu nshobora kuba hari aho ntashitse ku vyo nari nitezweko n'umukuru wanje, nyakwubahwa umukuru w'igihugu - umugenzi wanje mwiza, ndagusavye imbabazi".

Yabandanije yifuriza ikiruhuko ciza umukuru w'igihugu. Prezida Kenyatta ararangiza uyu mwaka ikiringo ciwe ca kabiri ari naco ca nyuma.

Muri Kenya umukuru w'igihugu ntafise ububasha bwo gukura icegera ciwe - ashobora kuvanwaho gusa n'inama nshingamateka canke izindi nzira z'amategeko.

Raba video y'amajambo yashikirijwe na William Ruto.

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa

BBC ntibazwa ibivuye ku zindi mbuga.