Burundi-ONU: Uwujejwe agateka ka zina muntu 'ashizweho ku gahato'.

Ahavuye isanamu, MAECD
Umushikiranganji w'Uburundi ajejwe imigenderanire avuga ko reta y'ico gihugu itazokwakira intumwa ya ONU ijejwe gutanga raporo y'ingene agateka ka zina muntu kifashe muri ico gihugu.
Albert Shingiro yabivugiye mu mubonano n'abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi kuri uyu wa i Bujumbura kuru uyu wa kane.
Urwego rw'intumwa ya ONU yo gutanga raporo z'agateka ka zina muntu rwashizweho mu kwezi kw'icenda kugira rusubirire umugwi udasanzwe wari umaze imyaka itanu ukora amatohoza ku mabi y'ikirenga yakozwe mu Burundi kuva mu 2015.
Uwo mugwi wari urungowe na Doudou Diene nawo nyene wamaze iyo myaka yose ata n'umwe mu bawugize ahonyoje ikirenge mu Burundi.
Mu kiganiro n'abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, umushikiranganji w'ico gihugu ajejwe imigenderanire Albert Shingiro yababwiye ko iyo ntumwa yagiyeho ku gahato k'ibihugu bimwe bimwe.
Umusjhikiranganji Shingiro yagize ati: ''Sinibaza ko bizoshoboka ko iyo ntumwa igendera Uburundi. Kuko ingene yashizweho vyaciye mu gahato".
Yishura ku kibazo cari kibajijwe n'uwuhagarariye Ubuholandi mu Burundi, umushikiranganji Shingiro yavuze ko urwego rw'iyo ntumwa rwashizweho ''n'ubwo umugwi wa Afrika wari wavyanse".
Yongeyeko ati : ''Ibihugu bimwe bimwe vyarakoresheje agahato kugira urwego rw'iyo ntumwa rushirweho''.
Iyo ntumwa igiye kuba nk'umurwi wo gutohoza ku gateka ka zina muntu yari ije gusubirira.

Ahavuye isanamu, MAECD
Mu myaka itanu wamaze, reta y'Uburundi ntiyigeze yemera ko hari uwuwugize ahonyoza ikirenge mu Burundi.
Mbere bamwe muri bo reta y'Uburundi yatangaje ko ari ''persona non grata", n'ukuvuga abantu badashobora guhabwa ikaze mu Burundi.
Ariko bagumye bashikiriza ivyegeranyo buri mwaka. Icanyuma bagitanze mu kwezi kw'icenda, bavuga ko hari ibimaze guhinduka mu nzira nziza kuva umukuru w'igihugu mushasha , Evariste Ndayishimiye ashitse ku butegetsi mu 2020 ariko ko ''inzira ikiri ndende".
Uwo mugwi wavuze ko hari amabi akibandanya gukorwa arimwo ubwicanyi, ukuburwa irengero n'ukutemerera abantu gushikiriza ivyiyumviro mu bwisanzure na cane cane abatavuga rumwe na reta.
Havugwa kandi ukudahana abagirizwa gukora ayo mabi.
Ivyo vyegeranyo reta y'Uburundi yagumye ivyiyamiriza ivuga ko ari ''ibinyoma" kandi bifise ''intumbero ya poritike".
Ibiro vy'urwego rwa ONU rushinzwe agateka ka zina muntu mu Burundi navyo reta yaravyugaje burundu mu 2019. Ibiro vy'intumwa idasanzwe y'umunyamabanga mukuru wa ONU navyo vyugaye mu kwezi kwa gatanu uyu mwaka.
Ariko , umushikitranganji Albert Shingiro yabwiye abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi ko reta yiwe iguma ''yuguruye imiryango yo gufashanya no kuganira n'icicaro gikuru ca Geneve hamwe n'ishami ryaco riri i Younde."











