Nigeria - Boko Haram: Ibihumbi vy'abarwanyi bishikanye ku butegetsi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igisirikare ca Nigeria kivuga ko hafi abanywanyi 6.000 ba Boko Haram barimwo abakuru b'abarwanyi , abarwanyi hamwe n'imiryango yabo bishikanye ku bategetsi ba reta mu ndwi zibiri ziheze.
N'igihugu ca Cameroun naco camenyesheje ko hari abarwanyi amajana bo muri Boko Haram bishikanye ku butetgetsi muri iyi minsi.
Muri Nigeria uko kwishikana ku bwinshi kw'abanywanyi ba Boko Haram n'ingaruka z'ibitero vy'urutavanako vya gisirikare mu buraruko bushira ubuseruko bw'igihugu, nk'uko bivugwa n'igisirikare.
Urupfu rw'indongozi ya Boko Haram Abubakar Shekau mu kwezi kwa gatanu rushobora kuba ari iyindi mvo.

Ahavuye isanamu, AFP
Benshi mu bayoboke biwe barishikanye ku bategetsi canke barahindura bayoboka Islamic State West Africa Province (Iswap), umuhari ukebana na Boko Haram.
Abategetsi ba Nigeria bavuga ko bariko barihweza abishikanye kugira barabe ko ari ngombwa ko bakorerwa imigambi yo kuvanwa mu butakondwa canke vyo gusubizwa mu buzima busanzwe.
Ariko abanya-Nigeria bamwe barafise amakenga kw'isubizwa ry'abahora ari abagwanyi mu buzima busanzwe -bavuga ko hari ibishobora gushika.
Ku bwa ONU ubugumutsi bwa Boko Haram bwatanguye mu 2009 bwatumye hapfa abantu barenga ibihumbi 300 abandi baharurwa muri za miriyoni barateshwa izabo muri Nigeria no mu bindi bihugu vyinshi vy'akarere k'ikiyaga Chad.










