Boko Haram yagandaguye abantu mu gitero yakoze buca ari Noweri

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abantu batari bake baragandaguwe mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya mu gitero cakozwe n'abarwanyi ba Boko Haram ku kigwati kirwiriyemwo abakristu buca ari Nowei (noheli), baca banaturira urusengero.
Itororokanirizo ry'amakuru AFP ryaronse amakuru ava muri ako karere avuga ko n'imiburiburi abantu 11 ari bo bagandaguwe.
Abo barwanyi binjiye mu karere ka Pemi mu ntara ya Borno, bari mu makamyo n'amapikipiki bagenda barasa mu rudavagi, nk'uko umwe mu barongoye ako karere yabibwiye AFP.
Pemi iri hafi ya Chibok, akarere kanyurujwemwo abanyeshure b'abakobwa 200 mu 2014.
Boko Haram imaze igihe ikora ibitero mu buraruko bwa Nijeriya mu ntambara yayo irondera gutembagaza ubutegetsi igashinga Reta igendera ku mategeko y'idini rya Isilamu.
Uy muhari ushira imbere ingingo ya Isilamu ibuza abanywanyi b'iri dini kuja mu bikorwa bitajanye n'imigenzo ya Isilamu. Boko Haram bisobanura ngo "Inyigisho ziva mu bihugu vy'uburengero zirabujijwe".
Igitero c'agahomerabunwa cavuzwe cane ni icakozwe ku banyeshure b'abakobwa i Chibok mu 2014, abo abatari bake bagumijwe n'uyo muhari mu myaka itari mike.
Ku wa kane, abarwanyi b'uyu muhari barateye mu karere ka Pemi mu gihe abajejwe umutekano bari bagabishije ko hashobora kuba igitero muri ino misi mikuru y'abakristu.
Ababa muri ico kigwati bahungiye mw'ishamba kandi gushika ubu hari abavugwa ko batarabonerwa irengero.
Abwaku Kabu arongoye umurwi ujejwe gucungera umutekano muri ako karere, avuga ati: "Abo bicanyi bishe abantu indwi, baturira inzu cumi bongera basahura imfungurwa zategerezwa guhabwa abantu mu guhimbaza Noweri".
Aba barwanyi baraturiye urusengero, baranyuruza umupatiri, bongera basahura imiti kw'ivuriro, imbere y'uko bariha umuriro.
Iyi ntambara ya Boko Haram iramaze guhitana n'imiburiburi abantu 36.000, abandi barenga imiriyoni zibiri barata izabo muri iyi ntambara imaze imyaka mirongo, nk'uko bivugwa n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
Kugira ngo bikingira, abanyagihugu baba mu karere k'uburarukp bwa Nijeriya bafashe ingingo yo kurondera ibirwanisho banashinga n'imirwi y'umutekano ikorana n'igisirikare.
Muri uku kwezi nyene kwa cumi na kabiri, uyu murwi waremanze ko ari wo wari wanyuruje abanyeshure b'abahungu barenga 300 mu ntara ya Katsina.
Mu kweizi guheze, abarwanyi ba Boko Haram baremanze ko bagandaguye abarimyi baharurwa muri mirongo.










