Afghanistan: Baracanacanako kugira bave muri ico gihugu

Ahavuye isanamu, Unknown
Abavyiboneye bavuga ko nibura abantu babiri bapfuye mu gihe abantu amajana n'amajana bagerageza gusohoka Afghanistan babandanya kurundana ku kibuga mpuzamakungu c'indege ca Kabul.
Hari video zagaragaye ku mbuga hwaniro zerekana abanyagihugu basanzwe b'abanya-Afghanistan bafashe ku ruhande rw'indege mu gihe yariko iritegura kuguruka.
Muri izo video, BBC itashoboye guhinyuza, hari abantu baboneka basa n'abicaye ku ruhande rw'indege ya gisirikare y'Abanyamerika iriko ibandanya inzira yayo yo kuguruka, abantu isinzi nabo bayikurikira.
Inkuru zimwe, nazo BBC itarashobora guhinyuza, zivuga ko abantu babiri bapfuye inyuma yo gukoroka bava kuri iyo ndege ubwo yari imaze kuva hasi.
Abantu nibura babiri bivugwa ko bapfuye kuri ico kibuga nyene, ubwo abantu isinzi bagerageza guhunga igihugu. Ntibizwi niba barashwe canke bapfuye mu gucanacanako.
Ingabo za Amerika, ubu arizo zigenzura ico kibuga mu gihe indege zo kuvanayo abantu zikomeje guhaguruka, bivugwa ko zarashe hejuru kugira bashwiragize abantu isinzi kuri uyu wa mbere.
Itororokanirizo ry'amakuru Reuters rivuga ko igitigiri c'abapfuye gisumba ngaho.
Rivuga ko umwe mu bavyiboneye yaribwiye ko yabonye imivyimba y'abantu batanu ijanywe mu modoka. Uwundi yavuze ko atawuzi neza niba abo bantu barashwe canke bapfuye mu musunikano no gucanacanako.

Ahavuye isanamu, EPA
Hagati aho, ibihugu vy'i Buraya biriko biracanacanako mu kuvana abayagihugu bavyo ku mugwa mukuru wa Afghanistan, Kabul.
Ku wa mbere, umushikiranganji wa mbere wa repuburika ya Czech yemeje ko indege ya mbere y'ico gihugu itahanye abantu yashitse ku murwa mukuru Prague, irimwo aba Czech, abanya-Afghanistan bahora bakorana hamwe n'imiryango yabo.
Ubudagi bwatangaje ko indege zo kuvana abantu babwo muri Afghanistan zatanguye ku wa mungu ku mugoroba, indege za gisirikare zikaba zararungitswe kuvanayo Abadagi n'abandi bakozi b'abanya-Afghanistan kuri uyu wa mbere.
Ibihugu vy'Ubufaransa na Nouvelle Zelande na vyo nyene vyavuze ko biriko biraraba ingene bivana abanyaguhugu bavyo muri Afghanistan.
Umushikiranganji w'Ubwongereza ajejwe kwivuna abansi yemeye ko "abantu bamwe bamwe ntibazoshobora kugaruka bava muri Afghanistan" mu gihe hakomeje urugambwa rwo kutahukana Abongereza bari muri Afghanstan n'abo bakoranye muri ico gihugu.
Ben Wallace ubwa mbere yari yavuze ko "aremye" ko Abongereza bose bazova muri Afganistan ariko kuri uyu wa mbere mu kiganiro kuri radiyo LBC vyamwankiye kwifata aca avuga ati: "Biri mu vyo nicuza cane…raba, hari abantu batazogaruka. Hari abantu batazogaruka, tuzokora ivyo dushobora duce ku bindi bihugu kugira dukureyo abo bantu".
Abajijwe igituma yumva bimubabaje we ubwiwe Wallace yishuye ati: "Ndi umusirikare…kandi biteye agahinda kandi Abanyaburaya ivyo bakoze babikoze, dutegerezwa gukora ivyo dushoboye vyose kugira tuvaneyo abantu kuko biri mu nshingano zacu, imyaka 20 yo kwitanga, murumva icari co".
Aba Taliban binjiye umurwa mukuru wa Afghanistan , Kabul, ku wa mungu, bagenzura igihugu ubwa mbere mu myaka hafi 20 ubwo reta yatembagaye umukuru w'iguhugu Ashraf Ghani nawe agahungira mu mahanga.










