Tanzania: "Tuzohindura aho tubona ko bikenewe ku neza y'igihugu" - Prezida Samia Suluhu Hassan

Prezida Samia

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Prezida Samia yaciye irya n'ino imigambi reta yiwe ishira imbere

Umukuru wa Tanzania Samia Suluhu Hassan yavuze ko afise umugambi wo kubonana n'indongozi z'imigambwe itavuga rumwe na reta.

Yavuze ko yizigiye ko bazoshika ku ntumbero z'inzira igihugu cofata mu bijanye na poritike, ku neza y'igihugu.

Mw'ijambo rya mbere imbere y'inama nshingamateka, prezida Samia yavuze ko reta izogwanira ibimenyeshamakuru n'ubureganzira bw'abanyagihugu bwo kwishira no kwizana, harimwo uburenganzira bwa demokrasi - ariko anashimika ko ari ngombwa kwubahiriza amategeko.

Umukuru w'igihugu yabwiye abashingamateka kudatinya gukosora reta n'abashikiranganji mu gihe babona ko hari ibintu biba bitariko birakorwa neza.

Abashikiranganji nabo yababwiye kwama biteguriye gukosorwa aho bakoze ukutariko, asaba abashingamateka gukara kuri ico kintu ariko bakoresheje "ururimi ry'abashigamateka" mu kubikora.

Prezida Samia Suluhu Hassan, yashitse ku butegetsi asubiriye John Pombe Magufuli, yerekanye imigambi ashira imbere muri reta yiwe mw'ijambo ryiwe rya mbere imbere y'inama nshingamateka nk'umukuru w'igihugu.

Yavuze ko reta ifise ishaka ryo kubandanya intumbero y'ubutunzi y'uwo yasubiriye harimwo kwubaka ibikorwa remezo.

Madame Samia yagabishije ko atazokwihanganira ubunebwe n'ibiturire.

Yanavuze kandi ko ashira imbere gukora ku buryo buzotuma igihugu ciwe gikwegakwega imitahe iva hanze.

Yavuze ati: "Nshaka kubwira inama nshingamateka n'abanyatanzania bose ko intumbero n'ishimikiro rya rata ya gatandatu izoba yo kugumya ivyiza vya reta z'imbere, mu gukomeza ibigenda neza no kuzana ivyiyumviro bishasha".

"Iyo niyo nsiguro y'icivugo cacu 'ibikorwa birabandanya' - tuzokomeza ibiriko biragenda neza ariko tuzohindura aho tubona ko bikenewe ku neza y'igihugu"