Ngozi Okonjo-Iweala yagenywe kuba umuyobozi mukuru wa OMC

Ahavuye isanamu, AFP
Urwego mpuzamakungu rucungera ubudandaji ,OMC/WTO (Organisation Mondiale du Commerce mu gifaransa canke World Trade Organisation mu congereza) rwagenye Ngozi Okonjo-Iweala nk'umuyobozi mukuru warwo mushasha.
Niwe mugore akaba n'umunya-Afrika wa mbere arongoye urwo rwego.
Dr Okonzo-Iweala yarabaye umushikiramganji wa Nigeria ajejwe ikigega ca reta kabiri, kandi yarakoze imyaka 25 nk'umuhinga mu butunzi bw'ibihugu biri mu nzira y'amajambere mw'Ibanki y'Isi (Banque Mondiale).
Igihe yari umushikiranganji wa Nigeria, yarajijuye amakungu guhebera Nigeria amafaranga ico gihugu cari kiyafitiye.
Yanagaregeje kandi kurwanya ubucuruzi bwa magendo bw'igitoro muri Nigeria.
Ubutegetsi bwahahora muri Amerika bwari bwamubereye intambanyi yo kuba umuyobozi wa OMC buvuga ko Dr Okonzo-Iweala atari umuhinga mu vy'ubudandaji.
Ariko we avuga ko ashobora kubera kirumara OMC. Avuga ati: ''Urudandazwa ndarwiyumvamwo cane. Nibaza ko ari inzira yo kuvana abantu mu bukene''.
Avuga ko urwo rwego rukeneye guhindura ingene rumaze imyaka rukora.
Agiye gutwara OMC mu gihe ibihugu vyinshi vyugaye imbibe zavyo ku bicuruzwa biva mu bindi bihugu kugira bikingire ubutunzi bwavyo muri iki gihe c'ikiza ca Covid-19.
OMC itegerezwa kuraba rero ingene yovyura urudandazwa mpuzamakungu canke naho isange ata kibanza igifise muri iki gihe ubutunzi bw'isi bwugarijwe n'ibibazo.
Kimwe mu vyo amakungu yiteze kuri urwo rwego n'ugufasha kurangiza amatati ari hagati ya Amrika n'Ubushinwa. Kuba uwo muyobozi mushasha wa OMC aherutse kuronka ububwenegihugu bwa Amerika, bizogira ico bikoze ku buryo Ubushinwa bumubona.










