Coronavirus: OMS ihanura abantu kwambara udupfukamunwa

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS/WHO, ryahinduye imvugo, aho rihanura abantu kwambara twa dupfukamunwa mu ntumbero yo guhagarika ikwirakwira rya coronavirus.
Iryo shirahamwe mpuzamakungu rimenyesha ko hari amakuru mashasha ryaronse yerekana ko utwo dutambara "dushobora kuzibira impwemu zirimwo umugera ".
Hari ibihugu bimwe bimwe mu bice bitandukanye vy'isi bitegeka canke bisaba abanyagihugu kwambara utwo dutambara iyo baramutse basohoka.
OMS yahora ivuga ko ata vyemezo vyari bihari vyari gutuma isaba abantu batarwaye kwambara udupfukamunwa.
Muganga Maria Van Kerkhove, arongoye umurwi w'abahinga ba OMS ku biraba Covid-19, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ko abanyagihugu basabwa kwambara udupfukamunwa "dukozwe mu dutambara dusanzwe - bivuga ko atari twa dutambara twambarwa n'abaganga", mu gihe bagiye ahantu bikeka ko bashobora kwandurira.
OMS yagumye ivuga ko udupfukamunwa twambarwa n'abaganga dukwiye kwambarwa n'abantu barwaye canke abariko barabafasha.
Iryo shirahamwe rivuga ko iyo ngingo ifashwe inyuma y'ubushakashatsi buherutse gukora.
Muganga Van Kerkhove ati: "Dusaba ko ibihugu vyohimiriza abanyagihugu bavyo kwambara udupfukamunwa".
Aho nyene, OMS ishimangira ko udupfukamunwa ko ari kimwe mu bishobora gutuma ikwirakwira rigabanuka - ariko y'uko abantu batohava bijajara bakadufata nk'urukingo.
Tedros Adhanom Ghebreyesus arongoye OMS ati: "Udupfukamunwa twonyene ukwatwo sitwo tuzogukingira Covid-19".
Gushika ubu, abashika imiliyoni 6.7 kw'isi baramaze kwandura coronavirus, nayo hafi 400.000 bakaba bamaze guhitanwa n'ico kiza kuva cadutse mu mpera z'umwaka uheze, nk'uko bitangazwa n'ishure kaminuza John Hopkins.










