Julian Peters: Umukenyezi yavutse adafise igitereko

Indwara ya Julian Peters nta muti wayo uretse ko ategerezwa kwemera uko ari
Insiguro y'isanamu, Indwara ya Julian Peters nta muti wayo uretse ko ategerezwa kwemera uko ari

Julian Peters ni umukenyezi akomoka muri Kenya w'imyaka 29, yavutse afise indwara yitwa Mayer-Rokitansky-Küster-Hauser (MRKH), indwara ifata abagore, cane cane igafatira mu gitereko.

Ibi bivuga ko Julian yavutse atagira igitereko.

Julian ati: "Mbaye mu ngorane zitagira izina kuko iminsi yose zitera ibibazo vyinshi, mu gihe n'ababanyi nabo bavuga vyinshi ku kibazo canje".

Julian avuga ko ababanyi biwe bafise ivyiyumviro bitandukanye ku kibazo ciwe, kuko hari abibaza ko atari indwara, ko ahubwo ari we nyene yaciteye, bamwe bakavuga ko yakoroye inda nyinshi, abandi nabo bakavuga ngo yarigeze kuba asambana birengeje.

Julian avuga ko ivyo bibabaje cane, ariko ko agerageza kubirengera akibandaniriza ubuzima bwiwe.

Yamenye ryari ko afise iyo ndwara ya MRKH?

Yagiye kumenya ko afise iyi ndwara ari mu mwaka w'icenda, ico gihe yari afise imyaka 17. Yibuka ko yari agiye kwa muganga agiye kwivuza amaguru yaguma amurya. Ashitseyo, muganga ico yakoze yaciye atangura kumubaza ibibazo vyinshi.

Julian ati: "Muganga yambajije igihe naherukira mu butinyanka, namwishuye ko ntari bwigere nja mu butinyanka".

Muganga amaze kwumva umukobwa ashikanye imyaka 17 ataraja mu butinyanka, yaciye ategeka ko bamupima ibihimba vyiwe vy'irondoka.

Bamaze kumufata ibipimo bitandukanye harimwo kumufotora mu gice c'igitereko, niho basanga koko ata gitereko yari afise nk'abandi bagore, kandi ko n'inzira y'irondoka itari yuguruye.

Julian avuga ko ivyo muganga yariko aramusigurira vyamugoye gutahura.

Bivugwa ko mu bagore 4000 ushobora gusangamwo umwe afise ingorane nk'iya Julian.
Insiguro y'isanamu, Bivugwa ko mu bagore 4000 ushobora gusangamwo umwe afise ingorane nk'iya Julian.

"Ico gihe nari kw'ishure kandi nari natanguye kwiga ivyigwa bijanye n'ingene umubiri wubatse (biologie), nari nzi neza ingene umubiri w'umugore/umukobwa utegerezwa kuba wubatse.

"Vyatumye ndira, ndarira cane maze kwumva ko ibihimba vy'irondoka vyanje vyari bifise ingorane, ariko nta kundi nari kubigira".

Ico gihe abaganga bafashe ingingo ko bari kumubaga kugira ngo bugurure inzira y'irondoka, n'aho ku bijanye n'igitereko ata kindi kintu cari gushoboka.

Julian ati: "Nagiye gutekereza, ndemera uko nari meze, mfise imyaka 24 bamaze kunsigurira ukuri kwose ku kibazo canje. Naciye nsubira kw'ishure ndiga n'inguvu zanje zose.

"Maze kurangiza amashure yisumbuye, naciye ntangura gukora ubushakashatsi mu gusoma ibitabo, nca ntangura kuza ndatahura ibibazo nariko mpura navyo nk'umuntu arwaye iyo ndwara".

None hoho kuronka umukunzi ni gute?

Julian avuga ko yari afise abakunzi benshi ariko ko atari bwigere akora imibonano mpuzabitsina.

Avuga ko, nk'uko bisanzwe, iyo umuhungu n'umukobwa bakundanye bategerezwa kuvugana ukuri nyako, ariko ko iyo amaze gufata umwanya agasigurira abakunzi biwe ingorane afise, aho nyene urukundo rwabo ruba ruhereye aho.

Ati: "Urazi, ni uburenganzira bwa buri muntu kugukunda canke kutagukunda, rero jewe ndatahura iyo uwo dukundanye canke uwo turi kumwe ambwiye ko tudashobora gukomeza urukundo rwacu".

Igihe abagwa ubwa nyuma, Julian avuga ko bamukoze igihimba c'irondoka, atari uko yashaka kuvyara, ariko gusa kugira ngo ashobore gukora imibonano mpuzabitsina.

Avuga y'uko ivyo atarabitangura kuko yipfuza kubanza kuronka umuntu abanza kumwemera uko ameze.

Julian yibaza ko ata mukunzi arashobora kuronka kubera benshi baca bamuheba iyo bumvise ko adashobora gusama imbanyi mu buzima bwiwe, n'aho atarata icizere.

Ati: "Si ngombwa ngo ube umuvyeyi kuko washoboye kuvyara vyonyene, urashobora kuronka umwana atagira abavyeyi ukamurera nk'umwana wawe".

None iyi ndwara iva kuki?

Nk'uko bivugwa na muganga Mutindi Kakuti, umuhinga mu bijanye n'irondoka muri Kenya, ibi biba iyo umwana w'umukobwa akiri mu nda ya nyina, aho bishobora gushika ibihimba bimwe bimwe, cane cane ivy'irondoka, bikanka kwitunganya uko vyategerezwa.

Muganga Mutindi Kakuti avuga ko abagore bafise iyo ngorane bashobora gukora imibonano mpuzabitsina iyo bakozwe kugira ngo igitsinagore cabo cuguruke
Insiguro y'isanamu, Muganga Mutindi Kakuti avuga ko abagore bafise iyo ngorane bashobora gukora imibonano mpuzabitsina iyo bakozwe kugira ngo igitsinagore cabo cuguruke

Muganga Kakuti avuga ko iyo atari indwara yo mu muryango (heredite) canke ishobora kuva kuri nyina w'umwana.

Avuga ko ari ingorane ishobora gushikira uwo ari we wese, bikaba bivugwa ko mu bagore 4000 ushobora gusangamwo umwe afise iyo ngorane.

None abagore bafise iyo ngorane barashobora gukora imibonano mpuzabitsina?

Nk'uko bivugwa na Muganga Kakuti, abagore bafise iyo ngorane barashobora gukora imibonano mpuzabitsina iyo bakozwe kugira ngo inzira y'igitsinagore yuguruke.

Hagati aho, avuga ko iyo bigenze gutyo, umugore arashobora kubabara cane rwose iyo aryamanye n'umugabo ubwa mbere.

Muganga Kakuti avuga kandi ko umugore afise iyo ngorane adashobora kwibaruka abana kubera aba adafise igitereko.

Hagati aho, ubushakashatsi bwo muri kino kinjana bwemeza ko umugore ashobora gutwarirwa imbanyi n'uwundi mugore, mu co bise mu rurimi rw'igifaransa Mères porteuses (Surrogate mothers mu congereza).