Abagore bashika 50 bo muri Afrika y’Epfo 'bagizwe ingumba kubera barwaye umugera wa SIDA'

Abantu banduye umugera wa SIDA baridoga bavuga ko banenwa

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abantu banduye umugera wa SIDA baridoga bavuga ko banenwa

Amatohoza yakozwe muri Afrika y'Epfo yerekana ko abagore bashika 50 basanzwe baranduye umugera wa SIDA bagizwe ingumba ku nguvu imbere y'uko bibaruka mu bitaro bitandukanye muri ico gihugu.

Umurwi ujejwe uburinganire hagati y'abagabo n'abagore muri ico gihugu (CGE) uvuga ko ibitaro vya leta vyahonyanze agateka k'abakenyezi mu gihe "ubugumba batewe ku nguvu butuma bafatwa nabi bakabaho mu gatotezo".

Ayo matohoza yashizwe ahabona ejo ku wa mbere yatanguye gukorwa mu 2015 igihe amashirahamwe abiri aharanira agateka k'abagore yitura uyo murwi afise amazina y'abantu 48 bavugwa ko bagizwe ingumba ku nguvu, nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters.

Uwo murwi waciye utangura kwegeranya ivyemezo kuri abo bagore bavugwa ko batewe ubugumba.

Uwo murwi wasanze abaganga bo mu bitaro bimwe bimwe vya leta batera ubugumba abagore bategerezwa gukorwa mu kuvyara, bababwira ko abanduye umugera badategerezwa kuvyara abana, ngo kandi ko bashobora gupfa mu gihe bosubira kuvyara.

Ico cegeranyo kivuga kiti: "Rimwe rimwe, mu gihe bari mu bubabare burenze urugero bari ku bise, abo bagore bategekwa gutera igikumu ku nguvu ku rwandiko bagiye kumenya mu nyuma ko rwari urwo kwiyemeza ko batanze uburenganzira bwo gukoresha uburyo bwose kugira babatere ubugumba".

Abakoze ayo matohoza basanze hari abaganga muri ivyo bitaro batera ubwoba abo bagore ko mu gihe batotera igikumu kuri urwo rwandiko badashobora kubafasha kuvyara.

Abagore muri Afrika y'Epfo bari mu myiyerekano

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abagore muri Afrika y'Epfo bari mu myiyerekano

Ubwo bubisha buvugwa muri ico cegeranyo bwakozwe hagati ya 2002 na 2015.

Uwo murwi kandi wagiriza abo baganga ko barenze ku "masezerano biyemeje yo kuvura abantu".

Ico cegeranyo cashikirijwe ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bwa Afrika y'Epfo.

Uwo murwi umenyesha ko vyabaye ibintu bigoye kurangiza ayo matohoza kubera amafishe y'abo bagore "yari yatakaye" mu bitaro.

Umukuru w'uwo murwi, Tamara Mathebula, avuga ko "bitaboneka neza ingene ico kibazo cifashe muri Afrika y'Epfo, ariko turizeye ko ivyo twasavye bizotuma imiryango yuguruka maze ibinyegejwe bikamenyekana".

Umushikiranganji w'amagara y'abantu, Zwelini Mkhize, yasavye umubonano wihuta n'umupfasoni Mathebula kugira ngo bavugane kuri ico cegeranyo, nk'uko bivugwa na Reuters isubiramwo ivyavuzwe n'ubwo bushikiranganji.