Funke Abimbola: ‘Izina ryanje ry’ikinyafrika ryambujije kuronka akazi’

Funke Abimbola

Ahavuye isanamu, FUNKE ABIMBOLA

Umunyamategeko akongera akaba n'umwe mu baharanira uburenganzira bw'inkehwa, Funke Abimbola, avuga ko "yamye arenganywa" igihe cose yagerageje kurondera akazi.

Hafi icagatatu c'ama kompanyi 100 adandaza imitahe (FTSE) nta nkehwa afise mu nzego zifata ingingo, nk'uko icegeranyo kibivuga.

Ikigo kijejwe kwihweza ingene ubwoko buserukiwe mu ma kompanyi atandukanye, Parker Review Committee, mu gihugu c'Ubwongereza, kimenyesha ko inkehwa zidaserukiwe mu nzego zifata ingingo mu makompanyi atari make.

Umupfasoni Abimbola avuga ati: "Nahuye n'inzitizi nyinshi igihe nariko ndondera akazi kubera nari mfise izina ry'ikinyafirika, kandi kubera ndi umwirabure, nta gukekeranya".

Yabwiye BBC ko yaterefonye incuro zirenga ijana kugira ngo ashobore guhonyoza ikirenge mu kazi.

Ati: "Baranyinuvye, barankarira cane gusumba abandi kubera kwitwa umugore w'umwirabure".

"Biroroshe kukubona uwo uri we kandi biroroshe cane rwose kukurenganya iyo uri mu nkehwa".

Icegeranyo c'ikigo Parker Review Committee cerekana ko mu makompanyi adandaza imitahe ashika 250 casanze inkehwa zidaserukiwe mu nzego zifata ingingo, aho 119 kuri 179 amoko adaserukiwe.

Umupfasoni Abimbola avuga ati: "Ico cegeranyo ntikintangaza. Hari inzitizi nyinshi cane kugira ngo inkehwa zishobore kuronka ikibanza mu nzego zo hejuru".

Ico kigo Parker Review Committee cashinzwe kugira ngo gikore ubushakashatsi ku kungene amoko atandukanye aserukiwe mu nzego zifata ingingo mu makompanyi atandukanye, casohoye icegeranyo caco kuri ico kibazo mu 2017.

Ico gihe, mu makompanyi 51 kw'ijana adandaza imitahe inkehwa ntizari ziserukiwe mu nzego zifata ingingo, ugereranije n'ubu ari 33%.

Ico cegeranyo gisaba ko gushika mu 2021 buri kompanyi mu makompanyi 100 ya FTSE yoba ifise n'imiburiburi indongozi imwe iva mu nkehwa, hanyuma gushika mu 2024 naho mu makompanyi 250 ya FTSE yoba yamaze gukora gutyo.

Mu ntumbero yo gufasha kugira ngo inkehwa ziserukirwe, ico cegeranyo gisaba ko buri kompanyi yokwama itanga icegeranyo c'ingene inkehwa ziserukiwe mu nzego zifata ingingo, n'ingene ubwoko butandukanye buserukiwe.

Umupfasoni Abimbola arizeye ko mu gihe hoba integuro yoha ibibanza kanaka inkehwa vyofasha mu gutorera inyishu ico kibazo.

Ati: "Hariho amashirahamwe makeya mu Bwongereza aha akazi amoko atandukanye.

"Ayo mashirahamwe yama ategura intonde z'abantu bafise ubuhinga butandukanye muy bwoko butandukanye buri mwaka, rero iyo wipfuza kurondera abirabure, abanyaziya hamwe n'inkehwa, biba ngombwa ko uja kuronderera muri izo ntonde".

Umushikiranganji w'ubudandaji, Andrea Leadsom, avuga ko ico cegeranyo cerekana ko "amakompanyi agifise igikorwa kitari gito" kugira ngo ashobore guhimiriza abakozi b'abirabure, Abanya Aziya hamwe n'inkehwa.