R. Kelly yagirizwa gutanga igiturire kugira yubakane na Aaliyah atarakwiza imyaka

R. Kelly amaze igihe yagirizwa gufata ku nguvu no gushurashuza abigeme batarakwiza imyaka

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, R. Kelly amaze igihe yagirizwa gufata ku nguvu no gushurashuza abigeme batarakwiza imyaka

R Kelly aragirizwa gutanga igiturire ku mukozi wa leta kugira ngo aronke ica ngombwa c'ububeshi gituma yubakana n'umwana atari bwakwize imyaka mu 1994.

Uyo mwigeme, impapuro zerekana ko yitwa Jane Doe, yarerekanywe n'ibinyamakuru vya Amerika nk'umuririmvyi yitwa Aaliyah.

Bubakanye afise imyaka 15 R. Kelly nawe afise 27. Urupapuro rw'ukwubakana rwerekana ko Doe yari afise imyaka 18.

R Kelly asanzwe yagirizwa ivyaha vyinshi vyo gufata ku nguvu, aho imanza zitezwe gucibwa mu mwaka uza i Chicago na New York. we ahakana ivyo yagirizwa.

Ico caha gishasha yacagirijwe n'abashikirizamanza ba Repubulika i Brooklyn mu ntara ya New York, kikiyongera ku bindi yagirijwe mu kwezi kw'indwi.

Bamwagiriza ko we na bagenzibe bakoze umugambi wo kubesha mu kiringo c'imyaka iharurwa muri mirongo, barondera abagore n'abakobwa batarakwiza imyaka kugira ngo babashurashuze.

None ivyo birego bishasha ni nyabaki?

R. Kelly, izina ryiwe nyaryo rikaba ari Robert Kelly, yagirizwa ko yatanze igiturire ku mukozi wa leta mu ntara ya Illinois atavuzwe izina, kugira ngo aronke karangamuntu y'ububeshi.

Iyo karangamuntu rero niyo yakoreshejwe aho yerekana ko uyo mukobwa yari afise imyaka 18, nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru New York Times.

Ibipapuro bitangwa na sentare bivuga ko ico giturire yakirishe ku wa 30 z'ukwezi kw'umunani 1994 - umunsi umwe imbere y'uko yubakana na Aaliyah, nk'uko vyanditswe ubwa mbere n'ikinyamakuru Vibe.

Ubwo bugeni bwahavuye bufutwa haciye amezi makeya kuko uyo muyabaga, izina ryiwe ribaka ari Aaliyah Dana Haughton, atari bwakwize imyaka yo kwubaka.

Aaliyah Dana yitavye Imana mw'isanganya ry'indege mu 2001

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Aaliyah Dana yitavye Imana mw'isanganya ry'indege mu 2001

Uyo mwigeme akaba na we nyene yari umuririmvyi, ariko akaba yaje kwitaba Imana mw'isanganya ry'indege mu 2001.

Urutonde rw'indirimbo rwiwe rwa mbere rwitwa Age Ain't Nothing But a Number, rwari rwakozwe na R. Kelly.

Umwunganirizi wa R. Kelly, Steven Greenberg, yabwiye ikinyamakuru ABC News mu ntango z'uno mwaka ko umukiriya wiwe "atari azi" ko Aaliyah yari afise imyaka 15 igihe bubakana.

Avugana na New York Times ejo ku wa kane, Bwana Greenberg yavuze koi co kirego gishasha "gisa n'uko ataoc kizohindura ku rubanza".