Kidum yasohoye indirimbo ya Matata, yamye ashaka kuririmba kuva kera

Umuririmvyi Kidum

Ahavuye isanamu, Kidum

Insiguro y'isanamu, Kidum yashatse gusubiramwo iyo ndirimbo kuva keta

Umuririmvyi w'Umurundi akorera muri Kenya, Jean Pierre Nimbona, azwi nka Kidum, yasohoye indirimbo y'umuhisi Jean Christophe Matata, indirimbo avuga ko ari yo yatumye ashaka gukora uwo mwuga.

Iyo ndirimbo ni N'Inyagasambu Rirarema, yasohowe na Jean Christophe Matata mu ntango y'imyaka 1990.

Iyo ndirimbo iri mu za kunzwe cane z'uwo munyamuzika w'Umurundi yaryamiye ukuboko kw'abagabo mu 2011 nyuma y'igiteramo muri Afrika y'epfo.

Christophe Matata yari akunzwe cane cane mu bihugu vy'u Burundi n'u Rwanda, ariko kandi no mu karere eka mbere no mu mihingo ya Buraya na Canada.

BBC yashatse kumenye igituma Kidum yahisemwo gusubiramwo iyo ndirimbo, kandi hari izindi nyinshi zakunzwe za Matata.

Kidum yabwiye BBC ko yahuye na Matata ubwa mbere mu 1990, bahujwe n'umugenzi, bahurira ahantu yaba bita kwa Musoni, ku rubibe rwa Kinama na Kamenge mu buraruko bw'igisagara ca Bujumbura.

Kidum yagize ati: "Yari ahejeje gusohora indirimbo Inyagasambu, Rastamani, Sinzokwibagira... zikunzwe cane mu Burundi.

"Iyo ndirimbo yasohotse ndi umu 'jeune' ntanguye amashure yisumbuye. Yabaye imbarutso yo kunsunika cane ngo mbe umuririmvyi imbere y'abantu.

"[N'inyagasambu Rirarema] niyo yabitanguje kuko ico gihe i Bujumbura vyari bishushe, hari 'ambiance' abantu bose bashaka kuba Matata".

Iyi ndirimbo yashatse kuyisubiramwo kuva kera

Kidum yabwiye BBC ko agihura na Matata ubwa mbere mu 1990, atamwitayeho cane kuko Kidum atari azwi, ataco yari bwakore mu muziki.

Ariko mu 1999 amaze gusohora indirimbo 'Yaramenje' yakunzwe cane, Kidum yarabonanye na Matata i Nairobi ahitwa Green Corner, aho Kidum yavugiriza umuziki.

Kidum yagize ati: "Ndamwibutsa ivyo mu 1990 aca avuga ati bwa bundi wabitanguye kuva kera! Nca ndamusaba ko nosubiramwo N'Inyagasambu Rirarema, ariko ico gihe ntavyo yemeye.

Christophe Matata

Ahavuye isanamu, Christophe Matata

Insiguro y'isanamu, Christophe Matata yaryamiye ukuboko kw'abagabo mu 2011

Mu 2003 Kidum yarasubiye guhura na Matata mu Bubirigi, aho Kidumu yashika i Buraya ubwa mbere kuremeshayo ibiteramo.

Naho nyene yaramusavye ko yomwemerera agasubiramwo iyo ndirimbo, Matata nawe agahitamwo iya Kidum yoba ashaka.

Kidum agira ati: "Nagumye ndamusaba no gushika aho apfiriye mu 2011, iyo ndirimbo narayiririmvye ku maziko yiwe, niho nari mpagaze ku Mpanda, ndayiririmba."

Mu vyabaye nko kugerageza, mu mwaka uheze wa 2018 Kidum yasohoye video ifatiwe muri studio ari kumwe n'abaririmvyi biwe, baririmba ikibiriraho ku cuma ca piano, indirimbo N'Inyagasambu Rirarema.

Kidum ati: "Narayisohoye live mbona abantu barayikunze, nca ngira iciyumviro c'uko noyicisha muri 'production'. Ariko ntibirarangira kuko nshaka ko umungu wiwe [wa Matata] Armel aba ari 'umu star' muri video yayo izosohoka.

Si ubwa mbere Kidum asubiramwo indirimbo

Kidum mu rukurikirane rwiwe rwa mbere rwasohotse mu 1999, yarasubiyemwo indirimbo 'Safari' y'umuhisi Nikiza David, indirimbo nayo yakunzwe cane.

Kidum avuga ko ivyo abikora nk'akaryo ko kugarukanira abankunzi b'umuziki umuntu baba barakunze, bagasubira kumwumva ariko mu bundi buryo.

Abaririmvyi b'Abarundi batabarutse basize indirimbo zakunzwe ni benshi, kandi hari n'abandi baririmvyi nabo nyene bamaze gusubiramwo zimwe zimwe.

Nka hamwe Kidum yosubiramwo indirimbo ya Canco Amisi, nta nkeka ko vyoryohera abatari bake mu bakunzi b'umuziki ndundi.