Umunyamakuru Kabendera abandanya apfunzwe inyuma y’ukwunguruza urubanza rwiwe

Kabendera agifatwa, igipolisi n'abajejwe uruja n'uruza mu gihugu bavuga ko bariko batohoza ku bijanye n'amamuko yiwe
Insiguro y'isanamu, Kabendera agifatwa, igipolisi n'abajejwe uruja n'uruza mu gihugu bavuga ko bariko batohoza ku bijanye n'amamuko yiwe

Umumenyeshamakuru wa Tanzania, Eric Kabendera, agiye kubandanya apfunzwe inyuma y'aho sentare yungururije urubanza rwiwe gushika ku wa 12 z'ukwezi kw'icenda kuza,yagirizwa guhungabanya ubutunzi bw'igihugu.

Iyo ngingo yafashwe inyuma y'aho abashingwamanza ba leta bamenyeshereje ko amatohoza kuri urwo rubanza atararangira.

Umushingwamanza wiwe, Jebra Kambole , yasavye sentare ya Kisutu i Dar es Salaam, ko yohimiriza abamwitwariye ko bonyarutsa amatohoza.

Umushingwamanza Kambole yamenyesheje ko amagara ya Kabendera abandanya amera nabi inyuma y'aho agiriye ingorane z'uguhema neza iyo hageze amasaha y'ijoro.

Ingorane zatanguye kuva kw'igenekerezo rya 21 z'uku kwezi kw'umunani. Iyo ngorane yamutumye adashobora gutambuka iminsi ibiri yose.

Yasavye kandi iyo sentare ko yotegeka igipolisi kijejwe amabohero kumuvuza ku bitaro bikuru vy'igihugu vya Muhimbili kugira ngo ashobore gupimwa.

Ku ruhande rwiwe, umushingwamanza wa leta, Simon Wankyo, yiyamirije ico gisabo, avuga ko sentare ya Kisutu ata bubasha ubwo ari bwo bwose ifise kiretse sentare nkuru y'igihugu.

Hagati aho, umucamanza Rwizile asanzwe akurikirana urwo rubanza yagize ibibazo akaba atashoboye gushika muri sentare.

Kabendera, umumenyeshamakuru yigenga asanzwe agurisha amakuru yiwe mu bimenyeshamakuru bitandukanye mu gihugu no hanze.

Yafashwe n'abantu bivugwa ko bari abapolisi bamusanze i muhira iwe mu gisagara ca Dar es Salaam ku wa 29 z'ukwezi kw'indwi guheze.

Yarengukishijwe ubwa mbere kw'igenekerezo rya 05 z'uku kwa munani , aho yasomewe ivyaha bitatu bijanye n'uguhungabanya ubutunzi bw'igihugu.

Umushingwamanza wiwe, Jebra Kambole (i bubamfu), avuga ko amagara ya Eric Kabendera (i buryo) yifashe nabi
Insiguro y'isanamu, Umushingwamanza wiwe, Jebra Kambole (i bubamfu), avuga ko amagara ya Eric Kabendera (i buryo) yifashe nabi

Muri vyo, Kabendera yagirizwa kwifatanya n'akarwi gahungabanya ubutunzi bw'igihugu muri Tanzania, be no kutariha amakori arenga imiliyoni 170 y'amashilingi ya Tanzania.

Icaha ca gatatu yagirizwa kunyuruza amahera arenga imiliyoni 170 y'amashilingi ya Tanzania.

Kabendera yagirizwa gukora ivyo vyaha hagati y'ukwezi kwa mbere 2015 n'ukwezi kw'indwi uno mwaka mu gisagara ca Dar es Salaam, akagirizwa ko yakoranye n'abandi bantu batari muri urwo rubanza uno munsi.

Abatari bake hagati mu gihugu no hanze barerekanye amakenga kw'ifatwa ryiwe, n'ingaruka ryagize ku burenganzira bw'ukumenyesha amakuru muri ico gihugu.

Ikindi catangaje abatari bake, ni ingene ivyo yagirizwa vyahinduwe.

Agifatwa, igipolisi n'abajejwe uruja n'uruza mu gihugu bavuze ko bariko batohoza ku bijanye n'amamuko yiwe.

Inyuma y'aho abamuburanira bamenyesheje ko yakurikiranwa kun kuru yanditse mu kinyamakuru The Economist, ariko muri sentare urubanza rurahinduka, aho yagirijwe guhungabanya ubutunzi bw'igihugu.