Umushikiranganji wa mbere w’ Ubuyapani aragabisha Afrika ku madeni y’umurengera

Ubuyapani buvuga ko intumbero bufise kuri Afrika ari ukuyifata mu mugongo mu buryo bw'amafaranga n'ikoreshwa ryayo, intumbero itandukanye n'iyo Ubushinwa.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ubuyapani buvuga ko intumbero bufise kuri Afrika ari ukuyifata mu mugongo mu buryo bw'amafaranga n'ikoreshwa ryayo, intumbero itandukanye n'iyo Ubushinwa.

Umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani aragabisha abategetsi ba Afrika ku ngaruka z'ugufata amadeni menshi, nk'uko bishikirizwa n'itororokaniriza ry'amakuru AFP.

Ayo majambo ya Shinzo Abe afatwa nk'igabisha ku ruhara rw'Ubushinwa muri Afrika mu gihe buvugwa ko bushira imbere amakompanyi yabwo mu migambi ikomeye kuri uwo mugabane.

Yabwiye abategetsi bari mu nama i Yokohama muri ico gihugu yerekeye iterambere rya Afrika ko Ubuyapani bwipfuza guteza imbere imitahe "ngirakamaro" yoshigikirwa n'amashirahamwe y'Ubuyapani.

AFP ivuga ko ico gihugu gitegekanya kwigisha abahinga 30 bava mu bihugu vya Afrika mu myaka itatu iri imbere ku buryo bwo guhangana n'ibiza n'amadeni ku gihugu.

Avuga ko abakora imigambi y'iterambere boterwa intege kugira ngo bashobore guteza imbere ubutunzi ku mugabane wa Afrika.

Umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani yasubiwemwo amajambo avuga ati: " Mu gihe ibihugu bigenzi vyugarijwe n'amadeni y'umurengera, bica biba inzitizi kuri uyo wese yari afise imigambi y'ukuzana imitahe yabo".

Bwana Abe ari mu barongoye inama mpuzamakungu ya Tokyo kw'iterambere rya Afrika (Ticad), ikaba yateguwe mu gihe Ubushinwa buriko bushinga imizi muri Afrika.

Ubuyapani buvuga ko intumbero bufise kuri Afrika ari ukuyifata mu mugongo mu buryo bw'amafaranga n'ikoreshwa ryayo, intumbero itandukanye n'iyo Ubushinwa.