Ubuyapani buragabisha ku bucuti bwa Korea ya ruguru

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ubuyapani yabwiye abari mu nama mpuzamakungu ko isi itosamazwa n'ubucuti butanguye kuboneka hagati ya Korea ya ruguru na Korea y'epfo.
Amajambo yashikirijwe n'umushikiranganji w'imigenderanire Taro Kono muri Canada, avuzwe mu gihe Korea y'epfo n'iya ruguru bari mu biganiro vyo kwitaba inkino za olempike zo mu gihe c'imbeho muri Korea y'epfo.
Abashikiranganji b'imigenderanire 20 bakoraniye i Vancouver bemeranije kubandanya gutera igitsure Korea ya ruguru.
Ariko bashigikiye ibiganiro biriko biraba hagati ya Korea y'epfo n'iya rurugu.
Mu myaka ibiri yikurikiranya Korea ya ruguru yarateye imbere cane mu mugambi w'ibigwanisho ruhonyanganda n'aho yafatiwe ibihano n'amakungu.

Ahavuye isanamu, AFP
Igerageza riheruka ry'igisase gishika kure cane itariki 28 z'ukwezi kwa cumi na rime ryatumye hafatwa ibindi bihano vy'amakungu ku gitoro hamwe no gutwara abantu n'ibintu.
Ariko mu ntango z'ukwezi kwa mbere, umukuru wa Korea ya ruguru Kim Jong-un yavuze ko yiteguriye ibiganiro na Korea y'epfo, anavuga ko yorungika umugwi w'abanonotsi mw'ihiganwa rya olempike ryimirije kubera i Pyeongchang mu kwezi kuza.










