Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Domitien Ndayizeye ati "birababaje kuba abishe Abanyamurenge bataramenyekana"
Imyaka 15 irakwiye umunsi ku wundi haguye ibara muri komine ya Gatumba mu burengero bw'u Burundi, aho impunzi z'abanyamurenge zirenga 160 zagandagurwa.
Gushaka ubu aboba barakoze iryo bara ntibaramenyekana, naho bizwi ko baje baturuka mu gihugu ca Kongo kibanyi n'u Burundi.
Vyinshi vyaravuzwe ku boba bari inyuma y'ubwo bwicanyi, ariko nta tohoza na rimwe ryaba iryigenga canke irindi, riragira ico rishitseko.
Hagati aho, abanye Kongo b'Abanyamurenge babuze ababo ntibahengeshanya gusaba ko amatohoza n'ubutungane bikora akazi kavyo.
Buri mwaka iyo itariki 13 z'ukwa munani zishitse, Abanyamurenge hirya no hino kw'isi bategura imihango yo kwibuka ababo biciwe mu Gatumba, bakanasubira gusaba ko ubutungane bukora.
Igihe iryo bara ryo mu Gatumba ryaba mu 2004, uwaramutswa u Burundi ico gihe yari Prezida Domitien Ndayizeye, benshi bakaba bibuka amarira yiwe igihe yashika aho vyabereye.
BBC yamurondeye imubaza ico abivugako mu gihe nyuma y'imyaka 15 abakoze ico kibi bataramenyekana.
Yabwiye Florentine Kwizera ko ari ibintu bibabaje, mu kiganiro ushobora gukurikirana aho hejuru.