‘Amakenga’ ku vyerekeye uguhezagira abubakanye basangiye ibitsina mu rusengero

Ahavuye isanamu, RORY CASTLE-JONES
Ishengero rimwe rudende ryiyandikishije ngo rihezagire abubakanye basangiye ibitsina mu gisagara ca Swansea mu gihugu ca Pays de Galles rimenyesha ko abenshi mu bubakanye basangiye ibitsina batazi ko bashobora guhezagirwa mu bibanza vy'ugusengeramwo.
Ishengero ryo muri ico gisagara ca Swansea rizwi nka Unitarian Church ryateguye igiteramo mu ndwi yahariwe abahuza ibitsina babisangiye LGBT ( lesbienne, gay, bisexuelle, transgenre ).
Iryo shengero ryariyandikishije mu kwezi kw'icumi kw'umwaka uheze wa 2018 ngo ribe mu mashengero ahezagira abasangiye ibitsina, rikaba ryiteze guhezagira aba mbere mu mwaka uza.
Iryo shengero ni rimwe mu mashengero 21 yo mu gihugu ca Pays de Galles (igihugu kimwe muri bitatu bigize Grande Bretagne) yanditswe kugira ngo ahezagire abubakana basangiye ibitsina.
Ariko biravugwa ko bamwe mu bubakanye basangiye ibitsina bagira ingorane iyo bagiye mu yandi mashengero.
Rory Castle-Jones afise imyaka 31 y'amavuko ni umunywanyi w'iryo shengero akaba yubakanye n'uwo basangiye igitsina yitwa Rhys mw'iryo shengero nyene riri ahitwa Neath Port Talbot mu mwaka wa 2016.
"Avuga ati:" Vyari nkenerwa cane ko jewe n'umugenzi wanje duhezagirwa mw'ishengero".
"Kuva ico gihe, narashoboye kubona ko abenshi mu bubakanye basangiye ibitsina batazi ko bishoboka ko bahezagirwa mw'ishengero".
Avuga ko abipfuza guhezagirwa basangiye ibitsina akenshi bitaborohera kuko ngo iyo bahamagaye mu rusengero kanaka basaba gutunganirizwa baca babacirako telephone, ivyo ngo bigatumwa n'uko batabatahura.

Ku ruhande rwiwe, umunyeshure Melda Grantham ariko yigira ubupasitori aturuka mu karere kitwa Rhydowen mu ntara ya Ceredigion avuga ati: " Bose barafise ikibanza iwacu kandi twakira bose".
Avuga ko urusengero urwo ari rwo rwose rufise uburenganzira bwo kwiyandikisha kugira ngo rushobore kwemererwa guhezagira abubakanye basangiye ibitsina, ngo n'aho bifata umwanya muremure
Mu bibanza 21 vyo mu gihugu ca Pays de Galles vyanditswe mu vyemerewe guhezagira abubakana bahuje ibitsina, harimwo ibisagara vya Neath Port Talbot, Swansea na Vale of Glamorgan bifise kimwe kimwe.
Hariho kandi ibisagara vya Caerphilly na Carmarthenshire kimwe kimwe gisife ibibanza bibiri, Rhondda Cynon Taff kigagira bitatu, Ceredigion ikagira bitanu hanyuma Cardiff nayo ikagira bitandatu.
Ivyo bibanza bigizwe n'amazu asengerwamwo n'amasengero y'igiporotesanti yitwa "Unitarian Church", "Congregationalists", "Reformed Baptist", "United Reform Church" hamwe na "Christian Spiritualists".
Hariho kandi n'ibindi bibanza bishika 40 bihuriramwo n'abo bita "Quaker", izina bataziriye abiyonkoye kw'ishengero rya Anglicane biyise "Ishirahamwe ry'Abagenzi", navyo nyene rikaba rihezagira abubakanye basangiye ibitsina.
Mu bisanzwe ishengero rya Anglicane muri ico gihugu ca Pays de Galles ntiryemera abubakanye basangiye ibitsina.
Mw'itangazo ryasohoye, ryamenyesheje ko ryoryo ryemera ukurongorana hagati y'umugabo n'umugore, ariko rikavuga ko n'abo bose bumva y'uko bipfuza kwubakana basangiye igitsina bakwiye gushigikirwa n'ishengero.
Iryo tangazo ryamenyesheje kandi ko abasenyeri bavuga ko bariko bariga ingene boshiraho ingingo zizwi kuri abo bantu bipfuza kubana basangiye ibitsina, kandi ko bariko barondera impanuro z'ingene boshobora guhezagira abashaka kwubakana basangiye ibitsina.
Pasitori Delyth Liddell aserukira ishengero rya Methodiste kuri kaminuza ya Cardiff, akaba kandi arongoye ishengero ryitwa Gathering rihuza abahuza ibitsina babisangiye muri Cardiff.
Kubera ata mashengero ya Methodiste yiyandikishije kugira ngo ashobore guhezagira abashaka kwubakana basangiye ibitsina, wewe aca kw'ishengero United Reform Church kugira ngo ashobore kubahezagira.
Ishirahamwe Stonewall Cymru rirwanira agateka k'abahuza ibitsina babisangiye rivuga ko amashengero akwiye gufata ingingo ku vyerekeye uguhezagira abubakanye basangiye ibitsina.
Naho gushika ubu amadini menshi atemera abubakana basangiye ibitsina, hariko hibonekeza amashengero atari make agenda abona ko abashaka kwubakana basangiye ibitsina ari uburenganzira bwabo.










