Uwuserukira Uburaya "yagiye ku gahato" kubera ikibazo c'abahuza ibitsina babisangiye

Perezida John Magufuli

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Amashirahamwe aharanira agateka yagiriza Bwana Magufuli kutagirira impuhwe abamugwanya, abagendana basangiye ibitsina n'iyindi migwi

Umuryango w'Ubumwe bwa Buraya wavuze ko uwubuserukira mu gihugu ca Tanzaniya "yagiye ku gahato" mu ntango ya kuno kwezi ku kuremegwa n'ubutegetsi bwavuga ko bugiye gutangura gufata abahuza ibitsina babisangiye.

Mw'itangazo ryasohowe, uwujejwe imigenderanire y'Uburaya n'amakungu, Federica Mogherini yagize ati:

"Iyi nyifato ataho yari bwaboneke ntijanye n'umugenzo wamyeho wo kuyaga.

"Umuryango wa Buraya uhamagariye Tanzaniya guhagarika kuremereza bidakenewe ubuserukizi, no kubugerera mu bikogwa vyabwo."

Federica Mogherini

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uwujejwe imigenderanire y'Uburaya n'amakungu Federica Mogherini

Ku bijanye n'ibi hamwe no ku bindi vyose vyakozwe bihonyanga "agateka ka zina muntu n'iyubahiriza ry'amategeko", Federica Mogherini avuga ko bagiye gusubira kwihweza ivy'imfashanyo yahabwa igihugu ca Tanzaniya.

"Umuryango wa Buraya hamwe n'ibihugu biwugize basanze isaganirizo ry'abanyagihugu ryaragabanutse muri Tanzaniya, mu kubuza ibikorwa vy'amashirahamwe ategamiye leta, ivy'ibigo vy'itangazamakuru n'ivy'imigambwe myinshi.

"Umuryango wa Buraya urababajwe n'itituka ry'ubuzima bw'abakundana basangiye ibitsina (LGBTI).

Mu ntango y'ino ndwi, umukozi w'Ibanki y'Isi yose yemeje BBC y'Igiswahili kw'iyo banki yahagaritse ideni ry'imiliyoni 300 z'amadolari ($300m) ryokoreshejwe mu gisata c'indero, inyuma yaho ubutegetsi bwa Tanzaniya bufatiye ingingo yo kubuza abigeme bibarutse biga gusubira mu mashuli.

Umushikiranganji wa Danemark mu vy'iterambere, Ulla Tornaes

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji wa Danemark mu vy'iterambere, Ulla Tornaes, yavuze ko kwubaha agateka ka zina muntu bihambaye kuri Danemark

Ku munsi wa kane, igihugu ca Danemark camenyesheje ko gihagaritse imfashanyo y'imiliyoni 9.8 z'amadolari ($9.8m), inyuma yaho umunyapolitike akomeye acuditse na perezida ashikiririje "amajambo y'urwanko".

Umunyamakuru wa BBC y'igiswahili akorera muri Tanzaniya Leonard Mubali avuga ko Bwana Magufuli yatanguye gukundwa igihe atanguriye kugwanya ibiturire akija ku butegetsi mu 2015, bituma amakungu nayo nyene amukunda.

Ariko ukutihanganira abatavuga rumwe nawe hamwe n'ibigo vy'itangazamakuru, vyatumye ibihugu bitanga imfashanyo bimukurako icizere.