Ishirahamwe IRC rimenyesha ko abarenga 90 banduye Ebola mu minsi ine muri Kongo

Abanyagihugu bamwe bo mu buseruko bwa Kongo ntibemera ko indwara ibaho, abandi bakinuba abaganga

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abanyagihugu bamwe bo mu buseruko bwa Kongo ntibemera ko indwara ibaho, abandi bakinuba abaganga

Ishirahamwe ry'abagiraneza, International Rescue Committee (IRC), rimenyesha ko abantu 93 banduye indwara ya Ebola mu minsi ine iheze mu gihugu ca Republika y'Intwaro Rusangi ya Kongo, ni ukuvuga abantu barenga 23 ku munsi.

Iryo shirahamwe rimenyesha ko ejo ku munsi wa mbere gusa, igitigiri kitari bwabeho c'abantu 27 banduye iyo ndwara - igitigiri kirenga incuro zibiri kuri 13 bahora bandura iyo ndwara ku munsi umwe.

IRC imenyesha ko ibikorwa vyose vy'ubuvuzi vyahagaritswe mu kiringo c'indwi yose kiretse ibiri ngombwa, kubera imvo z'umutekano mu duce twiziziwe n'umugera wa Ebola twa Butembo na Katwa mu buseruko bw'ico gihugu.

Akarere k'ubuseruko bwa Kongo karangwamwo akajagari. Hari abantu bamwe batemera ko iyo ndwara ya Ebola ibaho, bakagiriza abanyamahanga ko aribo bayizanye mu gihugu.

Iyo ndwara ya Ebola yatanguye kwibonekeza mu kwezi kw'umunani kw'umwaka uheze wa 2018, ikaba imaze guhitana ubuzima bw'abantu barenga 800.