Prezida Bouteflika wa Algeria avuga ko yiteguriye gutanga imihoho imbere y’uwa 28 z’uku kwezi kwa kane

Bwana Bouteflika w'imyaka 82 atwaye igihugu ca Algeria kuva mu mwaka wa 1999

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Bwana Bouteflika w'imyaka 82 atwaye igihugu ca Algeria kuva mu mwaka wa 1999

Ikimenyeshamakuru ca leta ya Algeria kimenyesha ko umukuru w'ico gihugu, Abdelaziz Bouteflika, yiteguye gutanga imihoho imbere y'uko ikiringo ciwe gihera ku wa 28 z'uku kwezi kwa kane.

Itangazo ryasohowe n'ibiro vy'umukuru w'igihugu rigasubirwamwo n'itororokanirizo ry'amakuru ry'ico gihugu, APS, rimenyesha ko Prezida Bouteflika azobandanya ahagarariye inzego z'igihugu imbere y'uko atanga imihoho.

Bwana Bouteflika w'imyaka 82 y'amavuko amaze imyaka 20 arongoye Algeria, akaba yaratangaje ko atazokwitoreza ikindi kiringo kigira gatanu, inyuma y'imyiyerekano imaze indwi zitari nke imusaba gutanga imihoho.

Amatora yarigijwe inyuma, leta nayo yemerera abanyagihugu ko izotunganya ibiganiro bihuriyemwo bose kugira ngo bihweze ibikenewe guhinduka kugira agashavu gahere.

Abihweza ibintu n'ibindi bavuga ko gushika ubu hari ibintu bidatomoretse ku gihe canke nimba koko azotanga imihoho.

Umumenyeshamakuru wa BBC Ahmed Rouaba, avuga ko abanyagihugu benshi ba Algeria babona ko Bwana Bouteflika akitswe n'amagara ku buryo ubu akoreshwa n'akarwi k'abagwizatunga, abanyepolitike n'abakuru ba gisirikare bazwi kw'izina rya "le pouvoir" (ubutegetsi), badashaka gutakaza inyungu zabo.

Ako karwi gasanzwe ari ko kiganziye umugambwe Front de Libération Nationale (FLN) utwara ico gihugu ca Algeria kuva cikuyeko intwaro y'abakoloni b'Abafaransa mu mwaka wa 1962.

Iyo myiyerekano yatanguye mu mezi abiri aheze inyuma y'aho uyo mukuru w'igihugu amenyeshereje ko yategura kwitoreza ikindi kiringo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Iyo myiyerekano yatanguye mu mezi abiri aheze inyuma y'aho uyo mukuru w'igihugu amenyeshereje ko yategura kwitoreza ikindi kiringo

Abari mu myiyerekano ntibasaba gusa ko Bwana Bouteflika arekura ubutegetsi, ahubwo ko akarwi kose k'abayepolitike bose ba Algeria bariho ubu - harimwo n'abo baboneka ko bashobora kumusubirira - kova ku butegetsi.

Abenshi mu bari mu myiyerekano bagizwe n'urwaruka ata ruhara bafise mu migambwe, bakavuga ko bipfuza intwaro nshasha, atari gusa uwosubirira umukuru w'igihugu asanzwe akitswe n'amagara.

Mu ndwi iheze, umukuru w'igisirikare ca Algeria, Liyetena Jenerali Ahmed Gaed Salah, yasavye ko umukuru w'igihugu yotangazwa ko atagishoboye gutwara.

Mu kwezi guheze kwa gatatu, Bwana Bouteflika asanzwe aboneka gake kubera indwara y'imitsi ifatira mu bwonko kuva mu mwaka wa 2013, yarahinduye leta.

Iyo myiyerekano yatanguye mu mezi abiri aheze inyuma y'aho uyo mukuru w'igihugu amenyeshereje ko yategura kwitoreza ikindi kiringo.

Ariko imyiyerekano yarabandanije n'inyuma y'aho yemereye kutazokwitoza, abari muri yo bagasaba ko haba impinduka bidatevye.