Intara ya Ontario muri Canada igiye kubuza amatelefone mu mashure ya leta

Ahavuye isanamu, Getty Images
Intara ya Ontario mu gihugu ca Canada isanzwe ifise abantu benshi gusumba izindi ntara muri ico gihugu, itangaza ko igiye kubuza amatelefone ngendanwa mu mashure kuva mu mwaka uza.
Umushikiranganji w'indero muri iyo ntara, Lisa Thompson, yamenyesheje iyo ngingo nshasha ejo ku wa kabiri, inyuma y'umwaka wose bamaze mu nama zitandukanye.
Iyo ngingo izokora ku mashure matomato n'igice ca mbere c'ayisumbuye mu mwanya w'ivyigwa, ariko hariho abazotezurirwa.
Abo ni nk'igihe hari ibituma bijanye n'ukwivuza, canke nk'abigisha bazoba bashaka kuzikoresha nka kimwe mu nteguro y'ivyigwa, hamwe n'abanyeshure bazoba hari ivyo bakenera bidasanzwe.
Hari uturere tutari duke muri iyo ntara twamaze gufata iyo ngingo, ariko iryo tegeko noneho rizofata amashure yose yegukira leta muri iyo ntara.
Kubw'umupfasoni Thompson, abanyeshure ba Ontario bakeneye gushobora kwitwararika ivyigwa vyabo.
Avuga ati: "Twafashe iyo ngingo yo kubuza ikoreshwa ry'amatelefone ribabuza kwiga kugira ngo dufashe abanyeshure kugira ubumenyi shingiro bakeneye, nk'ugusoma, ukwandika hamwe n'ibiharuro. Tuzosohora itangazo mu misi mike".
Umupfasoni Thompson avuga ko izo nama zakozwe zerekana ko ibice 97 vy'abavyeyi, abarezi n'abafise uruhara mu vy'indero, bashigikiye ko hovanwaho ivyo vyose bibuza abana gukurikira neza ivyigwa.
Iyo ngingo yashigikiwe n'abatari bake, ariko hakaba abandi bavuga ko iyo ngingo yataye igihe kandi ari ukubuza abana kwiga gukoresha ubuhinga bwa none mu buryo bubereye.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa
Mu mwaka uheze wa 2018, abategetsi b'igihugu c'Ubufaransa barabujije amatelefone mu masomero ku bana bafise imyaka 15 no musi yayo.
Nayo Nick Gibb, umushikiranganji ajejwe itunganya ry'indero mu Bwongereza, yabwiye BBC ko yemera y'uko bikwiye ko amashure yobuza abana babo gutondana amatelefone mu mashure.










