Umukandida yatsinzwe amatora muri Congo, Martin Fayulu, abandanya asaba ko asubirwamwo

Tshisekedi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Martin Fayulu yemeza ko ari we yatsinze amatora yo ku wa 30 kgarama 2018

Umwe mu ba kandida mu matora y'umukuru w'igihugu aheruka muri Republika ya Demokrasi ya Congo, Martin Fayulu, asaba ko hotunganywa ayandi matora mu kiringo c'amezi atandatu.

Ivyo yabishikirije mw'ikete yandikiye umuryangu w'Ubumwe bw'ibihugu vya Afrika (AU) ku wa 8 ruhuhuma uno mwaka.

Bwana Fayulu abandanya yagiriza umurwi ujejwe gutegura amatora muri ico gihugu ko ariwo wateguye ico yise ubusuma mu matora yo kuwa 30 kigarama umwaka uheze.

Mu gihe Prezida Felix Tshisekedi ari we yatangajwe ko yatsinze ayo matora ku majwi 38.5%, Martin Fayulu yatangajwe ko yaronse amajwi 34.8% avuga ko ari we yatsinze amatora ku bice 60 kw'ijana.

Idini rya Katolika risanzwe rifise uruhara runini muri politike y'ico gihugu, rivuga ko ryari rifise abarorerezi 40.000 mu gihugu cose, rikaba naryo ryamenyesheje ko Tshisekedi atari we yari yatsinze amatora ku biharuro ryari rifise.

Sentare y'ico gihugu ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro yaremeje ivyatangajwe n'umurwi ujejwe gutunganya amatora biha intsinzi Felix Tshisekedi, wiyamiriza ibirego vyari vyatanzwe na Martin Fayulu.

Bwana Tshisekedi akaba yimitswe ku wa 24 nzero 2019, asubirira Joseph Kabila yari atwaye ico gihugu kuva imyaka 18.

Iyari mu nama y'abakuru b'ibihugu vy'umuryango w'ubumwe bwa Afrika igira 32, Félix Tshisekedi yagenywe kuba icegera ca kabiri c'umukuru w'uwo muryango.